Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwongereza : Kate yoba yarahatswe kuvuga igitsina c’umwana azokwibaruka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubwongereza : Kate yoba yarahatswe kuvuga igitsina c’umwana azokwibaruka

Ubwongereza : Kate yoba yarahatswe kuvuga igitsina c’umwana azokwibaruka

mercredi 6 Ntwarante 2013

Mu rugendo rwiwe Kate Middleton aho yari yagendeye ku kivuko ca Grimsby mu buseruko bw’igihugu c’Ubwongereza, yarahatswe kuvuga igitsina c’umwana azokwibaruka nk’uko abamwakiriye babimenyesha.

Hari hakoraniye abantu bagera hafi ibihumbi bibiri bari baje kumwakira hari haciye isaha yose , imbere yuko ashika yacerewe kw’isaha yari yategekanijwe. Uwo mukenyezi w’umuganwa William yari yaje kuramukanya muri ako karere no guhabwa utuganuke n’abanyagihugu tugizwe n’impuzu z’umwana n’ibindi vyinshi.

JPEG - 7.7 ko

Umwe mubamwakiriye amenyesha ko yumvise kate avuga ngo: “Murakoze, aka kaganuke ndakakiriye nzogaha umuk...”aca aranuma. Uwo mukenyezi amubajije ko yashatse kuvuga umukobwa wiwe, Kate yaciye avuga ko atavyo azi. Uwo mukenyezi yaciye yishura Kate ko azi neza ko abizi.

JPEG - 9.8 ko

Kate yamwishuye ko badashaka kuvuga igitsina c’umwana bazovyara.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.