Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwongereza n’Ubufaransa baravuga aho bahagaze ku kibazo ca Siriya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza n’Ubufaransa baravuga aho bahagaze ku kibazo ca Siriya

Ubwongereza n’Ubufaransa baravuga aho bahagaze ku kibazo ca Siriya

mardi 27 Myandagaro 2013

Inyuma yo kwagiriza Ubutegetsi bwa Bachar el-Assad gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, bwica bita armes chimiques mu rurimi rw’igifaransa, ibihugu bimwe bimwe vya Buraya bibandanya kugira ico bivuze bongera biga icokorwa, kugira bafashe abanya Siriya.

Igihugu c’Ubwongereza aho kiriko kirategura abasirikare ni kimenyamenya, umushikiranganji wa mbere ubwiwe ariko arabikurikirana. David Cameron yemeye kugabanya ikiringo c’akaruhuko kugira agaruke i Londres, kandi yiyemeje kuba imbere y’abandi ku kibazo ca Siriya. Ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri, i Paris, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Francois Hollande araza kumenyesha aho igihugu ciwe gihagaze ku kibazo ca Siriya. Aho nyene muri Sriya, abagize umurwi warungitswe n’ishirahamwe mpuzamakungu ( ONU) barahagaritswe ikiringo c’amasaha 24.

I Damas, abagize uwo murwi n’ubu bakiri muri Siriya, bahagaritswe no mu gatondo ko kur’uyu wa kabiri ikiringo c’amasaha make. Ubutegetsi bwa Bachar el-Assad bumenyesha ko ababurwanya bataratanga ibiringo bikwiye kugira uwo murwi wa ONU ushobore gukora mu mutekano ukwiye. Ico catumye igikorwa c’amatohoza c’uwo murwi cigijwe inyuma ejo ku munsi wa gatatu, nk’uko vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Wallid Moualem mu gatondo ko kur’uyu wa kabiri. Ntacemezo co gutabara kirafatwa ariko ibiganiro birabandanya hagati y’ivgera vya mbere vy’ibihugu bimwe bimwe vya buraya.

Nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, William Hague, igikorwa c’imyiteguro ku basirikare kirabandanya. Aya makuru kandi aratangwa n’abapilote b’indege zisanzwe atari za gisirikare, nk’uko babishikirije ikinyamakuru The Guardian, imyiteguro y’abasirikare irabandanya mw’ikambi y’igisikare iri ahitwa Akrotiri muri Chypre harimwo n’indege zo mu bwoko bwa C130, zashitse ku kibuga c’indege caho.

Abatgetsi b’Ubwongereza bamenyesha ko ubutegetsi bwa Bachar el-Assad bwarakoresheje ibirwanisho vy’ubumara bwica bita Armes Chimiques, ibirwanisho bisanzwe bitemewe n’amategeko mpuzamakungu. Naho biri uko, nta ngingo n’imwe irafatwa. Kandi bavuga ko ataco boshikako mu gihe batabihurizako n’ibindi bihugu bimwe bimwe basangiye umuryango.

Ejo rero ku munsi wa gatatu, inama y’igihugu ijejwe umutekeno izokorana igizwe n’abakuru mu gisirikare hamwe n’abashikiranganji bakuru bakuru, izotegerezwa gukorana abasirikare bagire ico babivuzeko. Ingingo ntabaduka zizofatwa. Bibaye ngombwa bazotera Siriya ibisasu vyo mu bwoko bwa misire bita missiles Croisiere.

None kuri ivyo, inama nkenguzamateka y’Ubwongereza ifise igikorwa ikihe?

Inama nkenguzamateka izokorana yige yongere itore itegeko imbere yo gutangura ikibazo co gufasha kurwanya ubutegetsi bwa Bachar el-Bassad? Ico n’ikibazo ca Politike y’Ubwongereza, aho umushikiranganji wa mbere ategekanya gukoranya inama nkenguzamateka ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri. Inyuma y’ikoraniro, bazokwumviriza nico abongereza muri rusangi babivugako.

Ku ruhande rw’Ubufaransa, umushikiranganji wa mbere hamwe n’umushiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, bagize ico bavuze aho bamenyesha ko batarota bohanganira ubwicanyi bariko barakorerwa abanya siriya, gushika naho hakoreshwa ibirwanisho vy’ubumara bwica armes chimiques.

Ku kibazo co gushira hamwe abasirikare baja gutabara abanya Siriya, Laurent Fabius, amenyesha ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU itari kwanka iyo Ubushinwa n’Uburusiya vyemera, bikumva ibintu kumwe n’ibi bihugu bindi bisangiye umuryango w’ibihugu vya rutura. Aha mwomenya ko ivyo bihugu uko ari bibiri, ari vyo ntambamyi kuko bibandanya gushigikira intwaro ya Bachar el-Assad.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.