Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwoya bwiwe butera ubwoba abahungu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubwoya bwiwe butera ubwoba abahungu

Ubwoya bwiwe butera ubwoba abahungu

mardi 31 Kigarama 2013

Hari ibintu bishikira umuntu mu buzima bwiwe, akibaza iyo vyaje biva bikamusiga. Umuntu aravuka akomeye, ari umwana asa n’abandi, ariko uko imyaka iza agahinduka. Uyu mukobwa ari muri benshi bahuye n’ivyago, amera ubwoya buteye ubwoba.

Izina ryiwe ni Queen ni umwana wa kane mu muryango w’abana batanu. Ni umukobwa afise imico myiza, ameze nk’abandi bose, arakomeye ariko afise ikibazo kitamworoheye mu buzima bwiwe. Ico kibazo afise ni uko, ubwoya n’umusatsi vyiwe bikura cane bikamwerekana nk’umugabo.

Queen yaganiriye n’ikinyamakuru co mu gihugu ca Tanzaniya Domo Langu avuga bimwe mu bibazo ahura navyo mu buzima bwa minsi yose. Avuga ati : "Ubwoya mfise nabutoranye kuri mama amvyara, bwatanguye kumera mfise imyaka 21. Uko imyaka yiyongera, ubu bwoya bwagumye burwira, none bugira bukwire umubiri wose." Ico kinyamakuru kivuga ko kiretse ivyo vyoya bimwuzuyeko, ari umwigeme w’imico mwiza. Queen rero atangaza abamubona, nawe bikamutera isoni kandi bikamusamaza, avuga ati : "Mbere mbangamirwa n’ukuntu abantu bantangarira, bambonamwo ikiremwa kidasanzwe, ariko mu nyuma vyansavye kwemera, ndavyakira ukwo nyene vyaje, uku nyene naremwe …”

Queen avuga ko yumva isoni zo kuvugana n’abandi, ari na kimwe mu bintu bikomeye yahuye na vyo mu buzima. Yagize ati : "Sindabona umuhungu aza kundondera ansaba urukundo, kuko benshi barambona bakampunga bitewe n’uko meze".


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Iyo muvuga ka afise unwa n’umugara kuko nivyo mbona. N’ukuri ndabona bimukomereye. Biragoye kubona umusore yomwubahuka. Ariko niyihangane kuko nawe yabibonye ukwo. Imana imufashe kubona uwo yamuteguriye.

  • Jewe ndabona arigitangaza vyukuri.ariko jewe ndamwikundiye kuko ndifuza umukobwa ameze uko.mufashe kuronka nimero yiwe mwoba mukoze.my number is 27711600125 nitwa avite

  • nukuri nimba ariyo ngoranee yonyne afise ibindi abikwije nkuko vyavuzwe ko imico ye ari myiza ntkibuza ko azoronka uwwe hama ibindi nukuvyikuramwo nivyo Imana yabonye ko bibereye kuri iyatumye amera uko ntaho yagiyeye nibindi izobikora

  • ndasavye umuntu yoba amuzi ampe numero ziwe.izanje ni 77779834 nipfuza umugore ameze uko nari naramubuze.IGIHE nyigorere muduhuze mukumpa izo numero nyamba atari ibanga!umwaka mwiza.

  • hewer nakamaramaza! mba ndoga umwami.ariko mu maso ni mwiza nukuri!umusore uzamutwara azaja ashuha cane.mbe yomutwika!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.