Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UEFA iripfuza guhana bikomeye amacakubiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > UEFA iripfuza guhana bikomeye amacakubiri

UEFA iripfuza guhana bikomeye amacakubiri

jeudi 11 Ndamukiza 2013

Amategeko mashasha y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kumugabane wa Buraya, UEFA, ririko riragutegura, ateganya ko abakinyi canke abategetsi b’inkino bizokwibonekezako bafise ingeso z’amacakubiri bazohanishwa kutaboneka kubibuga mu mikino 10.

Umunyamabanga mukuru wa UEFA, Gianni Infantino, yamenyesheje ko imigwi y’inkino nayo ishobora gusabwa kugara igice kimwe c’ikibuga canke ikibuga cose igihe abakunzi babo bahohoteye abakinyi bifatiye kubwoko bwabo.

Gianni Infantino yongeyeko, k’aringombwa ko hafatwa ingingo ruhasha kuko amacakubiri abangamiye cane inkino z’umupira w’amaguru.

Impari kumacakubiri abera mu kibuga zariyongereye, munkino z’uyumwaka inyuma yaho umukinyi wo hagati wa AC Milan, Kevin-Prince Boateng n’umurwi wiwe basohokeye mu kibuga kubera ihohoterwa ry’amacakubiri yakorewe murukino rwa gicuti rwaberaga mu Butaliyano.


Arsitide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.