Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda: abamenyeshamakuru bashwiragijwe mu myiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda: abamenyeshamakuru bashwiragijwe mu myiyerekano

Uganda: abamenyeshamakuru bashwiragijwe mu myiyerekano

mardi 28 Rusama 2013

Ku murwa mukuru wa Uganda igipolisi casutse ivyotsi bikoroza amasozi kugira bashwiragize abamenyeshamakuru bariko baragira imyiyerekano hafi y’ibiro vy’ikinyamakuru cugawe n’abategetsi ku ndwi iheze

Muri abo bamenyeshamakuru bari mu myiyerekeno, bamwe bafashwe abandi nabo barakubitwa inembo.

Bari bahuye kugira biyamirize ingene igipolisi n’ubu kikiri mu kigo gikoreramwo ikinyamakuru cigenga Daily Monitor.
Kumwe n’ikindi kinyamakuru vyatewe n’igipolisi inyuma y’aho bisohoreye inkuru zivuga ko Yoweri Museveni umukuru w’igihugu ca Uganda ariko arategura umuhungu wiwe kugira azomusubirira ku butegetsi.

Ivyo binyamakuru vyanditse izo nkuru zisunze ikete ryoba ryanditswe n’umwe mu ntwanzangabo yo mu gisirikare avuga ko abadashigikiye ko umuhungu wa Museveni azosubirira se ashobora kwicwa. Museveni ari ku butegetsi kuva mu 1986 azorangiza ikiringo ciwe mu 2016.
Bimaze kuvugwa kenshi ko umuhungu wiwe Muhoozi Kainerugaba, umusirikare w’ipete rya generare de Birigade yoba ariko arategurwa ngo asubirire se.
Ariko leta irahakana uwo mugambi.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu muri Uganda bari bateguye kugira imyiyerekano mu mahoro kugira bashigikire ivyo mu bimenyeshamakuru.
Abamenyeshamakuru bashika ijana bari kumwe n’abandi baharanira agateka ka zina muntu nnibo bari bitavye iyo myiyerekano.

Geoffrey Ssebaggala aharanira agateka ka zina muntu yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko ivyakozwe n’igipolisi ari uguhonyanga uburenganzira bw’ibimenyeshamakuru n’ukubangamira ubutunzi. Umukuru wa polisi Kale Kayihura yavuze kuri uyu wa mbere ko ivyo binyamakuru bizoguma vyugaye gushika vyemeye gukorana n’igipolisi.

Abategetsi bashaka ko Daily Monitor yokwerekana ingene yaronse iryo kete ryari rigenewe kuguma mw’ibanga bivugwa ko ryanditswe na generari David Sejusa ubu ari hanze y’igihugu.

Umuyobozi w’ico kinyamakuru Alex Asimwe yavuze ko batazovuga iyo bakuye iryo kete.
Ama radiyo abiri akorana n’ico kinyamakuru nayo nyene arugaye.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.