Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda : Abasirikare ba Amerika bariko baratuza bimwe bikomeye abarwanyi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Abasirikare ba Amerika bariko baratuza bimwe bikomeye abarwanyi (...)

Uganda : Abasirikare ba Amerika bariko baratuza bimwe bikomeye abarwanyi ba LRA

mercredi 7 Nzero 2015

Abasirikare ba Reta zunzubumwe z’Amerika bafashe umwe mubatanguje umuhari w’intagondwa za LRA, abarwanyi bo mu gihugu ca Ouganda.

Nk’uko bivugwa na Jennifer Psaki umuvugizi w’igisata kijejwe imigenderanire ya Amerika n’amakungu, (Dominic) Ongwen umwe mu barongozi akaba n’umwe mu batanguje umuhari wa LRA (l’Armée de résistance du Seigneur) yafatiwe mu gihugu ca Centrafrika n’abasirikare b’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika bariko baragerageza gutuza izo ntagondwa. Abo barwanyi ba LRA rero bakaba bagirizwa n’amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu, hamwe n’ibihugu vya rutura kuba wica ukuzako, ugafata abagore n’abakobwa ku nguvu, kwiba n’ayandi mabi ahungabanya agateka ka zina muntu.

Uwo muhari usanzwe wari ugisibije mu bihugu vya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Centrafrika, Ubuganda na, Sudani y’Epfo, bikavugwa ko ubu ko watangiriwe ku mpande zose, ndetse bikavugwa ko utakigira isaganirizo kuva aho uduce twose wikekwamwo tumariye twugarijwe n’abasirikare ba Reta zunzubumwe z’Amrika n’abasirikare b’Ubumwe bw’Afrika.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.