Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda : Ibihano bafatiwe na Amerika ntaco bibwiye Reta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Ibihano bafatiwe na Amerika ntaco bibwiye Reta

Uganda : Ibihano bafatiwe na Amerika ntaco bibwiye Reta

vendredi 20 Ruheshi 2014

Igihugu ca Uganda cemeje ko ibihano Reta zunzubumwe za Amerika zafatiye ico gihugu inyuma yo gutora itegeko rigwanya abahuza ibitsina babisangiye ko ata ngaruka na zimwe vyagize, ndetse banabeshuje abavuga ko iryo tegeko ryatumye haba ihohotera ridasanzwe ryabo bantu nyene bahuza ibitsina babisangiye.

Umuvugizi wa Reta, Ofwono Opondo agira ati : "Ntidushobora kwinginga Reta zunzubumwe za Amerika kuduha amafranga yayo. Yongeye agira ati : "Ubu abaganda baramaze kumenya ko badakwiye kubaho bateze amashi abasanzwe babaha imfashanyo."

Kuri uno wa kane rero niho Reta zunzubumwe za Amerika zafatiye ibihano igihugu ca Uganda. Amerika yafashe ingingo yo guhagarika gutanga amafranga ku migambi imwe imwe ya Reta, icabitumye akaba ari uko Ubuganda bwatoye itegeko rihana abahuza ibitsina n’abo babisangiye. Mu bihano bindi vyafashwe na Amerika, harimwo ukwankirwa uruhusha "Visa" rwo kwinjira muri Amerika, ku bakuru bose bo mu buganda boba bakora ibikorwa vyo guhohotera agateka ka zina muntu.

Mwomenya ko iryo tegeko ry’uguhana abahuza ibitsina babisangiye ryatowe mu gihugu ca Uganda mu kwezi kwa Ruhuhuma, ryatumye ibihugu rutura bisanzwe bishaka guteza imbere uwo murwi w’abahuza ibitsina babisangiye biyamiriza iryo tegeko bivuye inyuma.

Amashirahamwe atandukanye akaba yavuze ko iryo tegeko ry’Ubuganda ryatumye ibikorwa vy’uguhohotera uwo murwi w’abantu vyiyongera. Hari mbere n’abavuga mbere ko umwe muribo yishwe, abandi bakurwa mu kazi, hamwe n’abapfunzwe.
Reta ya Uganda yamirira kure ivyo bivugwa, ikamenyesha ko ata kirego na kimwe canke inkuru n’imwe barabona yerekana umuntu yoba yaratewe ubwoba, canke yarahohotewe. Kubw’ivyo rero, Reta isa n’iyifata minenerwe ibihano bafatiwe n’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika.


Floxella Karire

Messages

  • Biryaba Gays abahuza ibitsina babihuje nikintu cambere cerekanako uburenganzira bwumuntu butubahirijwe, kuko murazobaza ababimazemwo imyaka nkiyirenga nkitanu uzosanga basigaye bagenda bibinze nkakurya umuvyeyi abinda akana kuruyoya kugira ntikisobeko canke ngo kitumeko. Abaganga batwigisha isuku kugira ntidufatwe ningwara ziterwa nisuku rike akabitwigisha nukubera kudukunda natwe ntiduheza ngotuvugeko twatswe uburenganzira bwokwigumira mumyanda kandinamakungu ntaheza ngwavyivangemwo ngwavugeko twatswe uburenganzira bwacu nabobaganga bwokwigumira mumyanda. Igihugu ca Auganda rero muvyukuri kwemeza ibwirizwashingiro rirwanya biryavyogutorana kwabahuje ibitsina sukwanka abene gihugu canke ngokibake uburenganzira bwabo, ahubwobarakunda abenegihugu bidasnzwe ninkakumwe umugaga abonye ikintu cokwonona ubuzima bashobora nokukubuza gufungura ibifungurwa bimwebimwe kandimuvyukuri ntabwovyocavyitwako bakwatse uburenganzira nkuko biharawe mwinomyaka. Kurivyo vyaba Gays murazoshaka mubaze abahinga babinonosoye ivyamagara yabantu bakoze amatohoza kurabo bantu batorana bahuje ibitsina bazobabwirako hariho ingwara bamwe bamazekugira kugira ningorane biharije mumibereho yabo. None abahisemwo nabi dukomeze kuvyita uburenganzira nkuwushigikira kumuntuwese afisuburenganzira bwokuja kwishure? Murirusangi ivyobihugu vyarutura vyaribikwiye kuduha akanya tukabinegura natwe nubwo atagafashanyo tubiha buryaturafise natwe icotwoterera mw’Isi, Nayonivyagumaguryo muzosanga ibihugu bikenye navyovyaratswe uburenganzira bwokugira ijambo!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.