Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Icegera c’umukuru w’igihugu n’abashikiranganji indwi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Icegera c’umukuru w’igihugu n’abashikiranganji indwi (...)

Zimbabwe : Icegera c’umukuru w’igihugu n’abashikiranganji indwi bakombowe

mercredi 10 Kigarama 2014

Inyuma y’ibomborabombora ryabaye mu mugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Zimbabwe, umukuru w’ico gihugu, Robert Mugabe yakomboye icegera ciwe, hamwe n’abashikiranganji bagera ku ndwi.

Ukutumvikana mu butegetsi bw’umugambwe utwara igihugu ca Zimbabwe kwakweze iyurukanwa rya Joice Mujuru, yahora ari icegera c’umukuru w’igihugu ca zimbabwe, Robert Mugabe, hamwe n’abashikiranganji indwi bo muri iyo Reta.

Imbere y’uko hafatwa iyo ngingo y’ukwirukana, Joice Mujuru yabanje kwagirizwa kurya igiturire, hamwe n’ugutegura kwica umukuru w’igihugu Robert Mugabe. Joice Mujuru akaba yagumye yamirira kure ivyo yagirizwa, ahubwo akavuga ko yiteguriye guhangana n’abashaka kumutera ubwoba. Akaba yaciye abanza gukurwa mu mabanga y’icegera c’umukuru w’umugambwe ZANU PF uri ku butegetsi.

N’aho ibinyamakuru vya Reta muri Uganda bivuga amakosa menshi yagirizwa Joice Majuru yahora ari icegera c’umukuru w’igihugu hari haheze imyaka cumi, hari ayandi makuru avuga ko yoba azira ko yashaka kuzoserukira umugambwe ZANU PF wa Robert Mugabe mu matora, ikibanza coba gisanzwe gikenewe kandi na Mugabe Robert nyene.


Egide Nduwimana

Messages

  • Banyamakuru mbere yo gushyira inkuru kuri Uru rubuga mujye mubanza muyisuzume kuko muba mwanditse ibintu bitajyanye na gato nta bunyamwuga mugira rero mwisubireho

  • None uwo agira abigishe umwuga?ntimukore nka rwanda ata démocratie!erega gushikiriza inkuru,bituma abakora nabi iyo baneguwe bikebuka,abakora neza iyo bashimiwe,bibongera intege!John nawe ntiyerekanye neza aho mwatanze inkuru ihushanye.

  • Urabona ko ahari agakosa mwahakosoye , mwari mwaditse Ngo" peresida WA Uganda Robert Mugabe mwakoze naho wowe Emelie ntabwo wari wayisomye kare niyo mpamvu utamenye icyo navugaga.thanks

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.