Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda : Igihano gihasha ku bahuza ibitsina babisangiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Igihano gihasha ku bahuza ibitsina babisangiye

Uganda : Igihano gihasha ku bahuza ibitsina babisangiye

vendredi 20 Kigarama 2013

Inama nshingamateka y’igihugu ca Uganda yatoye itegeko ryiyamiriza abahuza ibitsina babisangiye, aho mbere bategekanya umunyororo wo guherayo mu kubahana. David Bahati, umunyamategeko umwe mu biyumviriye iryo tegeko avuga ko ahubwo ubwa mbere bari biyumviriye gushiraho igihano co gupfa.

Iryo tegeko rero rigiye kurungikirwa umukuru w’igihugu ca Uganda kugira nawe aryemeze. Integuro y’iryo tegeko ryo guhasha abahuza ibitsina babisangiye yari yatanguye mu mwaka wa 2009 ariko ica ibanza guhagarikwa kubera ko amakungu nka Reta zunzubumwe za Amerika bari bawiyamirije bavuga ko iyo nteguro y’itegeko iteye isoni.

Iyo nteguro y’itegeko ubwa mbere yavuga ko bazoshira igihano co gupfa kuri uwo wese yofatwa ubugira kabiri ariko arahuza ibitsina n’uwo babisangiye, hamwe kandi n’uwo wese azofatwa ariko agendana n’umwana atarakwiza imyaka 18 canke uwurwaye umugera wa Sida.

Mwomenya ko uguhuza ibitsina ku babisangiye vyari bisanzwe bibujijwe muri ico gihugu, ariko ubu ibihano bikaba bikaze kuko n’uwuzoteza imbere abo bahuza ibitsina azohanwa (promotion publique de l’homosexualité).


Floxella Karire

Messages

  • Ahubwo abantu bakora ibintu nkivyo bakwiye kubahamba babona nivumwe none gayemwe ibikoko bisigare biturusha ubwenge!!! Nta gikoko ndumva coba cabira ico bisangije igitsina

  • Uganda nico gihugu nemera, komera uganda gwanye abo bakozi ba satani, ahubwo babambwe.

  • Ahubwo ils /elles méritent la pendaison sur la place publique. Ibi bintu n’ibimenyetso vy’umuhero aho abagabo babiri canke abagore 2 baduka ngo barongorane. Bashaka guhinyuza RUREMA yaremye abantu 2 (homme/femme) ngo abe aribo bubakana. Nama niyumvira ibigabo 2 en pleine action!! baraheza bakumva iki mu mutima wabo? Imana idutabare ibakize.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.