Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kizza Besigye yasubiriwe gutabwa mu mvuto - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kizza Besigye yasubiriwe gutabwa mu mvuto

Kizza Besigye yasubiriwe gutabwa mu mvuto

vendredi 19 Ruhuhuma 2016, par egide

Mu gihe igikorwa c’uguharura amajwi yavuye mu matora y’umukuru w’igihugu kibandanya muri Uganda, igiporisi casubiriye guta mu mvuto Kizza Besigye, umukuru w’umugambwe FDC utavuga rumwe n’umugambwe wa Kaguta Yoweri Museveni uri ku butegetsi muri ico gihugu.

Igiporisi ca Uganda cagize umukwabu ku cicaro gikuru c’umugambwe FDC mu gisagara ca Kampala, gifata Kizza Besigye, ahiganwa na Yoweri Museveni mu matora yabaye kuri uwu wa kane, akaba ariwe ari mu kibanza ca kabiri mu biharuro vy’agateganyo.

Igihe Kizza Besigye yatabwa muri yompi, yagira atange ikiganiro ku bamenyeshamakuru, akaba atabwiwe igituma ahagaritswe, n’aho ajanwe gupfungirwa.

Kuri uwu wa gatanu, ibaye incuro igira gatatu mu ndwi imwe gusa igiporisi gipfunga Kizza Besigye. Kuwa mbere, yari yafashwe yagirizwa gukora imyiyamamazo inyuranye n’amategeko.
Kuri uwu wa kane umunsi w’amatora, Kizza Besigye yatawe muri yompi ahorwa ko yagerageje kwinjira mu biro vy’itora vyavugwamwo ubusuma bw’amajwi.

Ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu, ahari ingoro y’umugambwe FDC wa Kizza Besigye hakaba hari abaporisi n’abasirikare benshi.

Ibiharuro vy’agateganyo vyerekana ko Yoweri Kaguta Museveni ari mu kibanza ca mbere, n’amajwi 62 kw’ijana, mu gihe Kizza Besigye atavuga rumwe nawe agira kabiri n’amajwi 33 kw’ijana.

Bitegekanijwe ko uwuzotsinda muri ayo matora azoba afise amajwi ari hejuru y’ibice 50 kw’ijana. Bitagenze uko naho, hazoca hategurwa amatora ku ncuro ya kabiri.


IGIHE

Messages

  • ahoyamaze kurengana vyahenze niharekugwe orya mu opose wiwe gusa

  • Mugabo Ntavyemezo Bifadika Bamufatiye. Ikibinukwo Yarigufatanwa Ikirwanisho Ngwahungabaye Umutekano Nkuko Nabibona Kubiyamamaza Muburundi. Vyerekanako Abajejwe Umutekano Bobabarariye Ruswa.

  • Iconikimenyetso cerekana Yuko abakuru bibihugu batari bake bafrica badashaka amatoro none kobaba birirwa baravuga ko abanyagihugu babakunda kubera baba ngobarabakoreye neza ubwobwoba bagira nubwigi hageze guhiganwa none kobavugango museveni arimbere none iyo tuyite intsinzi kandi yagumye atoteza uwobahanganye jewe mbona abakuru bibihugu bamwe bamwe bomuri Africa baribakwiye kwibandaniriza bagatwara bitiriwe biraca mumatora kuko benayo ntaba Ari amatora ninkina mico ahasigaye Ngo museveni azohuza abarundi nzobandora

  • uwojamukibanzacambere.ahigish’abandi.igiporisiyabonyekobamurushije.ivyonink’ayamatorayabamurundi.ibiharuvyagateganyo

  • HIYOJYAKWIYAMAMAZA UTARABANJEKUBAZA ABAKURU WASHAKAGAKUGERA KUKI, UGOMBA KUGURA INGOFERONKIZA MUSEVENI UBUNDIBAKAKUGABANYIRIZA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.