Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda : Umuhungu wa Idi Amin Dada yasavye imbabazi ku marorerwa yakozwe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Umuhungu wa Idi Amin Dada yasavye imbabazi ku marorerwa yakozwe na (...)

Uganda : Umuhungu wa Idi Amin Dada yasavye imbabazi ku marorerwa yakozwe na se

jeudi 4 Ruheshi 2015

Umwe mu bana 60 ba Idi Amin Dada yahoze ari umukuru w’igihugu c’Ubuganda, yasavye imbabazi ku mabi yakozwe na se igihe yari ku butegetsi.

Jeffery Amin, yasavye imababazi abantu bose, n’isi yose ku mabi yakozwe na se igihe yari umukuru w’igihugu c’Ubuganda, mu myaka y’1970. Igihe yari umukuru w’igihugu c’Ubuganda hagati y’umwaka w’1971-1979, Idi Amin Dada yatwaza umukazo udasanzwe aho muri ico gihugu, abantu bari hagati y’ibihumbi 150 n’amajana atatu bakaba baraborejwe igufa , bamwe bagakubitwa habi, abandi bagapfa baturiwe, mu gihe uwudasogoswe imbugita yicwa arashwe canke agatabwa mu nzuzi akazoribwa n’ibibayo n’ayandi mabi menshi.

Jeffery Amin agira ati :’’ Muri ico gihe data yakora ivyo nari uruyoya, sinarinzi ibijanye n’uguhonya abantu vyakozwe nawe’’. Uwo mugabo w’imyaka 48 y’amavuko ubu, Jeffery Amin ari mu kiyago categuwe co gusubiza hamwe n’abarongoye amashengero, akaba yaciye abonerako akaryo ko gusaba imbabazi. Ivyo birori bikaba vyabereye mu Buraruko bw’Ubuganda, mu gisagara Arua.

Igihe umwe mu miryango yari aho yavuga ukwo se wiwe yishwe aguye mu minwe y’umukuru w’Ubuganda wico gihe, Jeffery akaba yaciye yumva akozweko, n’umubabaro mwinshi, yegera uwo muntu, asabira imbabazi se, n’umuryango wiwe wose.

Tukabamenya sha ko amaze guhenurwa ku butegetsi, Idi Amin Dada yabuze igihugu na kimwe co mu karere canke muri Afrika co muha indaro, akaba yamaze igihe ayerera, mu nyuma acikanira mu gihu ca Arabie saoudite mu mwaka w’2003.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.