Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda: Umuhungu wa Museveni amenyesha ko atariwe azosubirira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda: Umuhungu wa Museveni amenyesha ko atariwe azosubirira (...)

Uganda: Umuhungu wa Museveni amenyesha ko atariwe azosubirira se

lundi 24 Ruheshi 2013

Brig. Muhoozi Kainerugaba, umwana wa mbere w’umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweli Kaguta Museveni yahakanye kuba umukuru w’igihugu ca Uganda. Akaba yabitangaje agira ati:« Uganda si kuntwaro ya cami mfise vyangombwa nokwitoza kugatwe kanje sinoba umukuru w’igihugu kubera Data ari umukuru w ‘igihugu.»

Monitor aho twakuye iyi nkuru bavuze ko Muhoozi ahakana ibivugwa ko agiye kuba umukuru w’igihugu badakurikije amategeko. Mu majambo yavuzwe kumugaragaro na Capt Edson Kwesiga, umuvugizi w’ingabo zidasanzwe muri ico gihugu yavuze ati "Uganda si intwaro ya cami aho se yatwara agaha umuhungu wiwe urwo ni urunwarunwa rw’abanyagihugu”.

Muhoozi ntiyumva igituma bavuga ko azogirwa umukuru w ‘igihugu kandi ata n’umwe yabibwiye, Kwesiga yavuze ati " uko igihugu ca Uganda bagitwara bishigwako n’abanyagihugu si umuntu umwe abikora naho benshi bashaka kubitwemeza. »

Ibwirizwa nshingiro rya Uganda rivuga ko umuntu wese afise ubwene gihugu afise imyaka iri hagati ya 35 gushika na 75 y’amavuka yize amashure makuru canke ayo binganya agaciro aremerewe kwitoza mu kibanza c’umukuru w ‘igihugu. Ariko rero iryo tegeko ntiryemerera abakuru mu gisirikare kwitoza, ivyo bigasigura ko uyu muhungu wa Museveni yoca abanza gukinjura mu ngabo z’igihugu UPDF kugira ngo aronke ingene yokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Uganda harimwo Olara Otunnu na Kizza Besigye bavuze ko atangorane mu gihe umuhungu w’umukuru w ‘igihugu yitoje biciye mu mategeko. Brig Muhoozi, afise imyaka 39 ni umutegetsi w’igisirikare kidasanzwe atwara abasirikare barenga ibihumbi cumi, niho hahagaze igisirikare ca Uganda atwara kandi abasirikare bacunga umutekano w’umukuru w’ igihugu.

Iki kibazo c’uko Museveni azshira umuhungu wiwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu biciye kubiri n’amategeko ivyo vyavuzwe na Gen David Sejusa batazira Tinyefuza yari ajejwe urwego rw’iperereza mu gisirikare ca Uganda, yahungiye mu Bwongereza inyuma y’aho avuzeko hariho imigambi yabasirikare bose bo muri ico gihugu badashigikiye ko Museveni azokugwa kubutegetsi n’umuhungu wiwe Brig Muhoozi Kainerugaba. Ico kibazo kandi cateye ingorane nyinshi zitandukanye aha twovuga ipfungwa ry abamenyesheje iyo nkuru.


Joel Sengurebe, Gloria Ndayishimiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.