Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda yahagaritse vy’imfatakibanza guhiga Joseph Kony - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda yahagaritse vy’imfatakibanza guhiga Joseph Kony

Uganda yahagaritse vy’imfatakibanza guhiga Joseph Kony

mercredi 3 Ndamukiza 2013

Igihugu ca Uganda kiravuga ko cahagaritse vy’imfatakibanza igikorwa ca gisirikare co guhiga muri Repubulika ya Centrafrika, Joseph Kony , umukuru w’abitwaje ibirwanisho barwanya ubutegetsi bwa Uganda.

Umuvugizi w’igisirikare ca Uganda, Col Felix Kulayigye, yabwiye BBC ko Uganda badashobora gukorana na Leta nshasha yo muri Centrafrika kuko itaremerwa n’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika kandi ariwo uyoboye ibikorwa vyo guhiga Joseph Kony.

Leta ya Uganda ivuga ko abasirikare bayo bari muri ico gihugu bazoguma ku birindiro vyabo gushika igihe umuryango w’ubumwe bw’Afrika uzosigurira neza uruhara bategerezwa kugira.

Joseph Kony, umukuru w’abo barwanyi bahurikiye muri Lord’s Resistance Army, aronderwa na sentare mpuzamahanga mpanavyaha imwagiriza ivyaha vyo mu ntambara.

Bikekwa ko Joseph Kony n’abarwanyi biwe boba binyegeje mu mashamba yo muri Repubulika ya Centafrika, Sudani y’epfo na Repubulika iharanira demokarasi ya Congo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.