IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > "Uguhagarika akazi bizotevya umugambi wo kunganisha imishahara"

"Uguhagarika akazi bizotevya umugambi wo kunganisha imishahara"

jeudi 16 Nzero 2014

Umushikiranganji Annonciate Sendazirasa aranegura ivyashikirijwe n’amasendika CONAPES, SLEB, STEB, na SYNAPEP ko bagiye kuza barakora yegeregere iminsi itatu ku kwezi kugira bagaragaze akababaro bafise kuko Reta itigeze ishira mu ngiro umugambi wo gukosora ivyerekeye ubusumbasumbane bw’imishahara. Umushikiranganji w’abakozi ba Reta akavuga ko atariwo muti mu guhagarika akazi, ahubwo bazohava basanga aribo bariko baratevya ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi.

Ku vyashikirijwe n’abahurikiye muma sendika CONAPES, STEB, SLEB, na SYNAPEP na CONAPES, umushikiranganji Annonciate Sendazirasa avuga ko guhagarika akazi atari wo muti wotuma hakosorwa ivyerekeye ubusumbasumbane bw’imishahara ahubwo bazohava batuma uteba gushirwa mu ngiro. Umushikiranganji Annonciate Sendazirasa, ku nsamirizi Bonesha FM yamenyesheje ko ahubwo ayo masendika ariko yinyegeza inyuma y’uwo mugambi wo kunganisha imishahara mu kurondera gushaka gusaba kwongererezwa agashahara. Abandanya agira ati : "iyo baba bari kuba baremeye icegeranyo c’umuhinga nta nkeka uwo mugambi wari kuba wagiye mu ngiro kuva mu mwaka w’2013."

Mwokwibuka ko ayo masendika mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku munsi wa kabiri, yamenyesheje ko ku kwezi ku kwezi bazoza barakora yegereyegere kugira berekane akababaro kabo. Zimwe mu ngingo zafashwe akaba ari uguhagarika akazi iminsi itatu ku kwezi ku kwezi (gushika Reta yemeye gushira mu ngiro ivyavuye mu biganiro), kwambara impuzu zirabura zerekana umubabaro muri iyo minsi, kwambara impuzu zirabura iminsi yose ku genekerezo rya 24 kugira bibuke itariki rya 24 Rusama, aho bashize igikumu kuvyo Reta itemera.


Floxella Karire

Messages

  • Leta ibereye mu gihugu kugire itunganirize benegihugu ata nyagupfa canke nyagukira. N’ico gituma abategetsi bakwiye kumviriz’iryo abanyagihugu bagona hama bakabatorera inyishu ikwiriye. Ikibazo c’imishahara kuva ku bakozi bo hejuru gushika ku munyagihugu abayabaye, gikwiye gutunganywa vuba na vuba. Biragoye gutegera ukuntu bamwe bahembwa ivu ry’amahera, abandi intica ntikize. Iki kibazo n’aho abashingamateka n’abakenguzamateka bacamiriye kure, ubu harageze ko bacicarira hama n’amakori atozwe kubatahora bayatanga. Ni naho nyene ubwo bunyonyezi, imyigaragamvyo na yegereyegere mu Burundi bizogabanuka. Nta ngorane nipfurij’abarundi, ariko ku vyerekeye umushahara w’amahera ava ku kuya k’abanyagihugu, mvuga nti: "nta mwana n’ikinono".

  • @Gerard Cazottes
    "Ukuri nko kurima". Leta CNDD-FDD canke iyindi Migambwe, umw’umwe wese wipfuza kuyobora igihugu c’u Burundi, ukwiye gufata nka nkama ico kibazo c’iringanizwa ry’imishara n’amakori ku murundi wese hatibagiwe Kizigenza. Ku bwanje, iryo ringanizwa ry’imishahara, ryoba ku bakozi bose ba Leta. Komeza muha ivyiyumviro abo bategetsi na cane cane Annonciate Sendazirasa, kugire muri campagne éléctorale bizoshimikirwe ko maze Umugambwe utsinde kubera imigambi n’imigabo yawo itomoye.

  • Abenshi mubategetsi naho birengagiza ingorane z’ abigisha .ni abafundi ubakinishije barashoboye vyos kurema no kuroga kazoza kejo.barenganure twes turi vyo 2ri kubera bo. ni ibimana turabemera:o

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.