IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ugukingira ibidukikije n’urugamba rw’isi yose

Ugukingira ibidukikije n’urugamba rw’isi yose

mercredi 9 Nzero 2013

Ishirahamwe Agenda for environment and responsible development ryaratunganije kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika rya 12 kigarama 2012 i Dar-Es-Salaam muri Tanzaniya uruganda rwo gusabikanya ubuhinga muvyo gukingira ubumara amagara y’abantu n’ibidukikije. Amashirahamwe 40 yo muri Afirika adaharanira ubutegetsi yavuye mu bihugu 12 yari yahishikiye.

Jean-Donatien Nshimirimana, arongoye agaserukira n’imbere y’amategeko ishirahamwe PES niwe yari yaserukiye amashirahamwe yo mu Burundi. Amenyesha ko ibiganiro vyari bifatiye ku bisata vyinshi. Baratereranye ivyiyumviro ku bijanye no gukura ubumara bwa plomb mu marangi, gukoresha Mercure mu bikorwa vyo gucukura inzahabu, ivyerekeye kurwanya udukoko dutera malariya badakoresheje ubumara bwitwa DDT ifise ingaruka mbi ku magara y’abantu n’ibidukikije.

Umukuru wa PES akavuga ko amashirahamwe yari yaje muri urwo ruganda yavuyeho yumvikanye ku bikorwa vyihuta agiye kurangura mu bijanye nizo ngorane. Kuvyerekeye Mercure hakaba hariko harategurwa inama igira gatanu yakomite ijejwe ibiganiro hagati y’ama Reta. Izobera i Genève mu gihugu c’ubu Suisse kuva kw’igenekerezo rya 13 gushika rya 18 nzero 2013.

Abari muri iyo nama bose bakazoheza bagaterera agacu k’ubumwe kugirango abene gihugu batahure ingaruka mbi za DDT ku magara y’abantu n’ibidukikije. Hakazorwizwa rero amanama y’inyigisho yateguriwe abanyagihugu.

Kugirango ijwi rishike kure bakazoheza bagashiramwo n’abamenyeshamakuru mu rugamba rwo kumenyesha ingaruka mbi ziyo DDT hamwe n’iyindi miti ataco yonona yokoreshwa mu kibanza cayo.

Jean-Donatien Nshimirimana akaba ababazwa nuko DDT ikidandwaza mu masoko yo mu Burundi kandi abategetsi baziko ari mbi. Mbere ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bukaba butakiyiha abanyagihugu ngo bayikoreshe. Asaba rero ibisata bibijejwe vyokora ibishoboka kugira ubwo bumara ntibusubire kudadanzwa no gukoreshwa mu Burundi.

Kw’ifoto:Jean-Donatien Nshimirimana, arongoye agaserukira n’imbere y’amategeko ishirahamwe PES


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.