Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uguterana amajambo nikwo kwibonekeza hagati y’Ubwongereza na Sri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uguterana amajambo nikwo kwibonekeza hagati y’Ubwongereza na Sri (...)

Uguterana amajambo nikwo kwibonekeza hagati y’Ubwongereza na Sri Lanka

dimanche 17 Munyonyo 2013

Ibihugu vy’Ubwongereza na Sri Lanka vyarateranye amajambo igihe igihe David Cameron yavuga ko habwirijwe kujaho umurwi w’igendereza uzoraba ku bijanye n’ubwicanyi bwabaye inyuma y’intambara zabaye muri Sri Lanka.

Umukuru w’igihugu ca Sri Lanka Mahinda Rajapakse, yiyamirije yivuye inyuma ivyasabwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza David Cameron vyo gukora iperereza mpuzamakungu kugira hamenyekane ido nido ry’intambara zabaye mu gihugu ca Sri Lanka. Mu nama y’ishirahamwe rya Commonwealthiriko ibera i Colombo akaba ariho havugiwe ivyo.

Inyuma y’ivyo vyasabwe n’Ubwongereza, Rajapakse umukuru w’igihugu ca Sri Lanka, akaba yaciriye umugani ababa mu mazu y’ibiyo gusa ati ’’ Hirahire mukore hasi mutere ibuye abandi...’’.David Cameron akaba avuga ko hamwe igihugu ca Sri Lanka kitoshiraho umurwi ugira ayo matohoza, Ubwongereza buzobikora.

Ukwo kudahuriza ku cokworwa kugira ayo matohoza abe, abatari bake bakaba bavuga ko bishobora kuzana icuka kibi hagati y’ibihugu bimwe vyo mw’ishirahamwe bivuga ururimi rw’icongereza, ndetse icuka kibi kikaba camaze kwibonekeza mu nyishu yatanzwe na Sri Lanka mu kwishura Ubwongereza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.