Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uhuru Kenyatta asaba abanyafrika kureka kwakira imfashanyo z’ibihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uhuru Kenyatta asaba abanyafrika kureka kwakira imfashanyo z’ibihugu (...)

Uhuru Kenyatta asaba abanyafrika kureka kwakira imfashanyo z’ibihugu bitunze

samedi 13 Ruheshi 2015

Umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, yahamagariye bagenzi we barongoye ibindi bihugu vyo muri Afrika guhagarika kwakira imfashanyo z’ibihugu bimaze gutera imbere.

Mu gihe yashikiriza ijambo imbere y’uko inama y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ibera muri Afrika y’epfo itangura, Uhuru Kenyatta yavuze ko ingingo ziherekeza iyo mfashanyo zituma hataba iterambere.

Yavuze ko hageze ko ibihugu vya Afrika bironka infashanyo zivuye mu bihugu biteye imbere kw’isi ,vyikura kuri iyo nfashanyo.

Umunyamakuru w’iradiyo y’abongereza BBC ari muri Kenya avuga ko ivyo umukuru w’igihugu Uhuru Kenyattab yavuze ari icipfuzo ciwe atari umugambi wa Reta arongoye.
Mwomenya ko iyo nama igira iya 25,izokwiga ibibazo bifatiye kw’ihonyangwa ry’agateka k’abakenyezi,ikibazo c’Uburundi naco kikaba kitazosigara inyuma.

Messages

  • nindoto yiwe mbega yokwishikana kuki nubu nama ndababwira nta muntu numwe yikwije nivyo bihugu uvuga ngo bitunze iyo kimwe kigize ingorane amaraso arahagarara kubindi kuko ibintu vyinshi birahagarara, jewe nibaza ko wanka abaza kukubwira democratie kugira utware igihugu nkuko ubishaka nibiza ko mwenya ko ibintu vyahindutse.

  • UHURU KINYATA URI UMUGABOCANE IZONFASHANYOZABOZIHAGARARE MWIHESHAGACIRO NABANDIBARONGOYE IBIHUGU VYAFIRIKA BAKWIYEKUVYUMVAKIMWENAWE UMWEWESE KUGIHUGUCIWE YAKIRA YAKENA AKIMENYA UKWARI IZONFASHANYOZIZANA AKAJAGARI MUGIGU MUKUDUTEGEKA IVYOBISHAKIYE

  • Iwacu mukirundi tuvugango: ’’AKIMUHANA KAZA IMVURA IHISE’’, igiswahili naco giti:’’kujitegemea’’.
    Ivyo Uhuru avuze ni icipfuzo kimaze imyaka kandi ciza.Ikibazo ni mbega none ibihugu bitunze canke biriko biratunga biroroshe kuvyikura udataye murudubi abenegihugu???!!! Kenshi iyo aba president bagiye kubutegetsi uca umenga biyumvirira abenegihugu kand ari umwanya baba babatije ngo babaje imbere.Unasanga abivuga kubera inyungu ziwe za hafi aba ariko arapanga. Sinon umugambi ni mwiza muga yari gutangura kuwukora muri kenya hama akazana experience Africa nayo ikabikorerako.

  • Il a raison.S’il faut accepter les aides,qu’ils acceptent celles sans conditions.

  • Eweeeee kenyatta nugukora ingwe mujisho. Mbega abavyumvise namba mamwishuye gute? Ibihugu nkavyose bibayeho kubera imfashanyo none nawe ngo bikure kubihugu bibafasha? Ahubwo ushatse wikebuke nayahandi ntayo wanze,ariko urabazi?

  • Yavuts Se Atunze,anwa icayi,amata,arya inyama iminsi yose,ararara ku matera,aba munzu yisima,atanda mumpuzu,atambaragasa,agenda nimodoka,banque yujuje amahera.Mugabo Vraiment Arubahuka,namba Adasoma Amateka Yibihugu,iyo Nama Arimwo Yatanzemwo Angahe Kugira Ikorane?Abo Nibamwe Bavyuka Mugitondo Ngobose Barahaze,namahoro Abantu Bafuye.Ndiw Noca Ntanga imihoho kuko yamenje,amabarabara,amasoko,amashuri,amasengero,ibibuga vyindege,amahinguriro vyinshi en afrique ni aide.Ntiyigeze Narimwe Agwaye Amavunja,mbega Atunze Iwe imfuvyi,abatamakazi nabatama bangahe.Umukene azokwamaho kwisi kandi n’umutunzi azokwama akeneye abakene.

  • hhhhhhh akoo ni agahimbo yarikuirij conte yiwe irikwije ivyabenegihugu birabashaa mumwishinge

  • Ahubwo agabanye urwo rumogi yanyoye mucayi camugitondo kuko rugiye kumusaza azmbure yiruke ari gusa...icyo cifuzo akizanye kuko amaze kubona ko yagiye kurutonde rwambere rwaba president bakize muri africa.

  • Nyakubahwa president uvuze nkumukeha bwenge mbe ntuzi kohariho ibihugu bikiri munzir yamajambere?vous les kenyeens(nes)ntawobishinga!!

  • Mutama kenyatta kubwanj wavze ukuri.kko izo bita imfashnyo avec condition nimfashnyo ki?ndaguh ariko naw unymerer iki.mutama komera kumheto ahubwo mwge ingne mwotzimber africa yacu turke kugma dutze amashi.arko urab neza ntibkugre nka kadafi!mé imana niyo nkuru.

  • uhuru urumugabo ivyagusa biterubwenge buke,ndagushigikiy ari navyo bamwe bitwaza muburundi ngo imfashanyo kand bagomba gukamisha intambara

  • Uwonguwo arahaze ubutunzi bwubutegetsi bumaze kumushika mwizosi niyompamvu avuga gutryo none niciyumviro ki yatanze cotuma kizana iterambere noneho bakabona gufata uwo mwanzuro ahubwo ndumva murikenya batabaye maso uwomugabo azasubiza inyuma icyogihugu

  • Nabanze yihereko kandi asubize n’ayo yose yafashijwe Igihugu ca Kenya kuva cikukiye. Uwuhaze ntabura ivyo yitoza kweri! Ahubwo iyo yiyamiriza abaperezida canke abategetsi biba izo mfashanyo, na cane cane iyo zirungitswe mu mahera, vyarikuba aru sawa, nayo ivyo kuyanka vyovyo akureyo amaso kuko atawanka ijana murindi.

  • Mwebw mukresha iyi site,turbasavy izina,ivyiyumvro umntu yatnz uko yabtanz.akrore kuriyi nkuru ya presida kenyatta,jw sindi pontien ndi bitangimana,nkunkuru ijany nivyo pacifique yasavy,si ndi mayibbo tjrs ndi bitangimana.umuntu ashkirij iciymvro ciw adatkany mumwbahrize kko mwabshzeko kugra dutnge ivyiymviro.murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.