Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uko bizogenda ku barundi bipfuza kuja kurorera igikombe c’isi yose (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uko bizogenda ku barundi bipfuza kuja kurorera igikombe c’isi yose (...)

Uko bizogenda ku barundi bipfuza kuja kurorera igikombe c’isi yose 2014

mardi 3 Nyakanga 2013

Lydia Nsekera yatanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru. Yashikirije ivyerekeye abipfuza kuja kurorera igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru kizobera muri Brésil mu 2014. Harakenewe ko ibendera ry’Uburundi rihungabana mu bwugamo bw’ibibuga bizoberamwo nkino ziryo higanwa mpuzamakungu.

JPEG - 8.6 ko
Lydia Nsekera

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi,Lydia Nsekera, yatanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyshamakuru. Yamenyesheje ko n’ubwo Uburundi butagize amahirwe yo kuronka uburenganzira bwo kuzoja mu gikome c’isi yose kizobera muri Brésil mu 2014, hariho icipfuzo cuko ibendera ry’Uburundi ryo hungabana mu bwugamo bw’ibibuga bizoberako inkino ziryo higanwa.

Lydia Nsekera akaba yamenyesheje uko bitunganijwe ivyerekeye barundi bipfuza kuja kurorera iryo higanwa. Abashaka kuja kurorera inkino z’iryo higanwa riba rimwe mu myaka 4 bazobimenyesha ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Rino naryo rikazoca rungika urutonde rwabo bavyipfuza mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupiraw’amaguru FIFA. Kw’igenekerezo rya 6 Kigarama 2013 akaba ariho hazoca haba ihitamwo (irage au sort) ry’amazina yabatowe. Abo rero bazoba batowe nibo bazoca bahabwa ikiringo co kuva itarike 8 Kigarama 2013 gushika 2 Ruhuhuma 2014 kugira babe barishe amafaranga asabwa. Abatazoba bashoboye kuriha bazoca barindira ukwezi kwa Ndamukiza 2014, bagure mu matike azoba yasigaye.

Ivyo bikaba bizogenda uko kuko abaja kurorera iryo higanwa baba bafiswe mu bitigiri vyategekanijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA.


NDAYIKEZA Prosper

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.