Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uko imirwi izohura mu nkino zizobera muri Brésil vyamenyekane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uko imirwi izohura mu nkino zizobera muri Brésil vyamenyekane

Uko imirwi izohura mu nkino zizobera muri Brésil vyamenyekane

samedi 7 Kigarama 2013

Mu gihugu ca Brésil, hamenyekanye uko imirwi nserukirabihugu y’umupira w’amaguru izohura mu gikombe c’isi kizobera mu gihugu ca Brésil mu mwaka w’I 2014. Ibihugu 32 vyashizwe mu mirwi 8.

Mu gihugu ca Brésil niho izo nkino zizobera. Ico gihugu kizokina mu murwi wa mbere, mu gihe igihugu ca Espagne catsindiye igikombe c’isi co mu mwaka w’i 2010, cabereye muri Afrika y’epfo, kiri mu murwi wa 2.

Imirwi imwe imwe n’abakinyi barashima uko amatora yagenze, bamwe bakabona ko bagize amahirwe abandi bakidodomba. Umukinyi Lukaku wa Chelsea yavuye muri Everton, arakenguruka ko igihugu c’Ububirigi gitomboye umurwi woroshe, uwo ariko ashima ariko Abongereza babonako guhura n’imirwi ya Uruguay n’Ubutariyano atari akazi koroshe.

N’aho atazohonyoza ukuguru muri Brésil mu gikombe c’isi, umukinyi Gareth Bale akina mu murwi Real Madrid yagize ico avuze aravye imirwi ibihugu vyagiye vyisangamwo, uwo rero yasanze Abongereza batomboye imirwi ikomeye cane. Aribaza kandi ko inkino zizoba ziryoshe aravye ibihugu bizogenda bitana mu mitwe.
Imirwi ibiri yashitse mu nkino za nyuma mu gikombe c’isi giheruka, Espagne n’Ubuhorande izokina mu murwi umwe wa 2.

Uko imirwi nserukirabigugu y’umupira w’amaguru ihimbaguwe mu mirwi inyuma y’ukumanisha kwabaye:

Umurwi A: Brésil, Croatia, Mexico, Cameroun.
Umurwi B: Espagne, Hollande, Chile, Australie.
Umurwi C: Colombie, Grece, Cote d’Ivoire, Japon.
Umurwi D: Uruguay, England, Costa Rica, Italie.
Umurwi E: Switzerland, Ecuador, France, Honduras.
Umurwi F: Argentine, Bosnie Herzegovine, Iran, Nigerie.
Umurwi G: Germany, Portugal, Ghana, USA.
Umurwi H: Belgium, Algérie, Russia, Coree.

Ico gikombe kizoba kuva kw’igenekerezo rya 12 Ruheshi gushika kw’igenekerezo rya 13 Nyakanga mu mwaka uza w’2014.


NKESHIMANA Chérif

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.