Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukraine : Uwahoze ari umukuru w’igihugu ariko arondezwa urushinge (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ukraine : Uwahoze ari umukuru w’igihugu ariko arondezwa urushinge (...)

Ukraine : Uwahoze ari umukuru w’igihugu ariko arondezwa urushinge n’abanyagihugu

mardi 25 Ruhuhuma 2014

Mu gihugu ca Ukraine, abategetsi ba Reta nshasha y’imfatakibanza, basaba uwo wese yobona Viktor Yanukovych yahora ari umukuru w’igihugu, kumuzana kugira ahanwe kubona yaragandaguye abanyagihugu bari muri yegereyegere.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu muri iyo Reta nshasha Arsen Avakov avuga ko, uwo yahora ari umukuru w’igihugu bariko baramurondeza urushinge, kugira abazwe ubwicanyi yagiriye abanyagihugu, mu gihe uburenganzira bwo kugira yegereyegere babuhabwa n’ibwirizwa nshingiro ryo muri ico gihugu. Avuga ko abanyagihugu bahohotewe, abandi baricwa, ari naco gituma uko bigenda kwose, uyo Viktor Yanukovych ategerezwa kurenguka, akanyeguruka, agahanwa bikurikije amategeko.

Arsen Avakov umushikiranganji mushasha w'intwaro yo hagati mu gihugu

Mw ’itangazo ryashizwe ahabona ku rubuga ngurukanabumenyi bwa facebook, Arsen Avakov umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, avuga ko hari n’abandi bategetsi bakoranye na Viktor Yanukovych bariko bararonderwa, kuko bari mu bamufashije kugandagura abanyagihugu. Ariko rero bikavugwa ko uwo yahoze ari umukuru w’igihugu aheruka kuboneka mu karere ka Kiev aho bita Crimean, ndetse ari naho hoba hari benshi mu bamuyoboka.

Kugeza ubu rero, bikavugwa ko uwo yahoze arongoye Ukraine atarekuriwe kurenga imbibe z’igihugu, eka ndetse akaba ariko arakurikiranwa bukebuke kugira acakirwe. Abanyagihugu isinzi nabo, n’ubu bakaba bagikoraniye mu kibanza kinini, barindiriye ko umukuru w’igihugu mushasha atorwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • CDD nimurabire akarorero kuri Ukraine , uyo mushikiranganji w’ intwaro yo hagati nahanure mugenziwe wi Burundi turabe ko yohindukanaho adahindutse azoherekeza shebuja Nkurunziza Peter gufasha umunyororo ex ukraine President.Imbonera kure Adolphe , Bunyoni , Rwembe , Nyamitwe, Ndakugarika ......... Murunva ko vyosi bishoboka kurinosi

  • Ivyo wewe jaffar uvuga nivyipfuzo bikuri mumutwe,kandi uko kwubahuka ukaza uravuga amazina yabantu ntugire ngo bafise abansi gusa nabakunzi bari nabo,barabafise,wewe ufise abushigikiye nabo bakagira ababashigikiye,aha rero igihugu kigizwe naba gabo,nti citwara.ako karorero ko muri Ukraine uriko utanga,twebwe ngaha IBURUNDI nitwe twabatanguriye,ivyo barimwo vyahereye ngaha,urunva muri yamyaka55,58,62,72,88imarangara Afaire BUYOYA,93baniga NDADAYE,Ugsitsa2003,4,ivyo rero bubireka mwana wamama,twarahavuye ntitukahasubire!.wwe nturaturizwa ni pine canke ESance ngo wunve agahinda,kagahindira mubwonko no mumutima,karakagohe ndakuvuniye,ntusubire kurota izuba ririko riraka.

  • Abategetsi bacu bitwara kurya nibibahe icirwa hamwe naba Générale uwo mugenzaje avuze bitwara nkuko twese tubibona jewe ndumusirikare naho nakageneye sinigeze mbona ibirubu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.