Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukurenga ibigo kwa François Hollande kurabandanya kuvugwa cane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ukurenga ibigo kwa François Hollande kurabandanya kuvugwa cane

Ukurenga ibigo kwa François Hollande kurabandanya kuvugwa cane

jeudi 16 Nzero 2014

Ibinyamakuru vyo mu gihugu c’Ubufaransa birabandanya kuvuga ku nkuru yerekeye François Hollande, aho bivugwa ko yoba arenga ibigo n’uwitwa Julie Gayet, mbere bikavugwa ko ari navyo vyanatumye umupfasoni wiwe ValérieTrieweiler yoba yaciye yinjira ibitaro bivanye n’indwara y’umutima.

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande, ku munsi wa kane yoba yamenyesheje umupfasoni wiwe ko ikinyamakuru CLOSER coba citeguye gushira ahabona inkuru y’uko arenga ibigo. Guhera ku munsi wa gatanu akaba yaciye ajanwa mu bitaro kuko yaciye afatwa n’indwara y’umutima kubera agashavu kenshi, nk’uko vyavuzwe n’umwe mu bamwegereye. Valérie, umupfasoni wa François yoba yabwiye uwitwa René Lamas umunyamabanga mukuru wa Reta ati : "Ndamaramajwe imbere y’igihugu c’Ubufaransa cose", mu nyuma yaciye asubira mu biro niho yaciye afatwa bukumbi. Baciye bahamagara umuganga amukurikirana, ari nawe yaciye afata ingingo ko bamwinjiza ibitaro i Piète–Salpêtrière.

Iminsi itatu ikaba yaraheze ata n’uwubiciye n’ikanda ko yinjijwe ibitaro gushika aho umumenyeshamakuru umwe amenye ibanga. Uwo mupfasoni akaba ategerezwa kumara iminsi 10 aruhutse. Mbere François Hollande yoba atigeze aja kumuraba muri iyo minsi kuko yatinya ko vyohava bimenyekana.
Mu kinyamakuru Closer ari naco mbere cashize ahabona iyo nkuru y’uko François Hollande yoba afitaniye imigenderanire ikomeye n’uwundi mukenyezi, barasubiramwo ingene vyagenze igihe uwo mukenyezi wa Francois Hollande amenya ko umugabo wiwe afise uwundi mugore.
Ntivyari ibisanzwe, impome zo zarahatswe kuhasigara. Yabaye nk’uwukubiswe n’inkuba. Ariko rero ibinyamakuru bimwe bimwe bivuga ko Valérie Trierweiler yoba yiteguye guharirira umushingantahe wiwe. Amakuru ava muri bamwegereye avuga ko akunda cane umushingantahe wiwe, akaba atinya rero ko ashobora kumuca mu myanya y’intoke mu gihe yomwanjanjwako.

Mwomenya ko ku munsi wa kabiri François Hollande yahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru aho avuga ko muri kino gihe bariko baca mu bihe bitoroshe nk’uko bisanzwe bishikira buri muntu wese. Akaba yagize ati: "Amabanga atorerwa inyishu mw’ibanga, aha rero muriko murambariza si mu mwanya nyawo, kandi si n’ikibanza nyaco. Yashikirije ivyo mu kiganiro yoba yari yashatse gusiba, ariko abahanuzi biwe baramugondoza kuko yoba yerekanye intege nke.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.