Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukutumvikana ni kwo kurangwa mu muryango wa Mandela - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ukutumvikana ni kwo kurangwa mu muryango wa Mandela

Ukutumvikana ni kwo kurangwa mu muryango wa Mandela

lundi 30 Kigarama 2013

Umuryango Nelson Mandela asanzwe yamukamwo, uvuga ko urajwe ishinga n’indyane ziri mu muryango w’amaraso wa Madiba, aho bapfa uwuzotwara ibisigi vy’uwo muhisi, bakabahamagarira rero gutekana.

Uwo muryango w’Abathembu (famille royale AbaThembu) waratunganije inama ku munsi wa gatanu i Qunu, agasagara Nelson Mandela asanzwe avamwo ari naho yahambwe ku wa 15 Kigarama uno mwaka 2013, uwo muryango rero ukaba wavuze ko ubabajwe cane n’izo ndyane zerekeye uwuzotwara ibisigi vya Mandela.

‘’ Twarahanuye abo mu muryango wa Nelson Mandela ko botekana, bagasonera uko bitunganijwe ivyo ibisigi, kandi tunabasaba ko botenyenya abariko baravyirukamwo bose bakarindira ko bihera, vyavuzwe n’uwo mu muryango, mw’itangazo basohoye kuri uno w’Imana’’. Muri iyo nama basavye kandi ko inararibonye zo muri uwo muryango, zo kwama zija muri izo nama z’umuryango gushika ibintu bigiye mu buryo. ‘’Turakwiye gusaba imbabazi cane abanyafrika y’Epfo hamwe n’amakungu yose, kubona indyane ziri muri uwo muryango twaraziretse zikaba’’ .

Ibinyamakuru vyo ngaho muri Afrika y’Epfo vyari vyavuze ko Graca Machel umupfakazi wa Nelson Mandela yoba yarasabwe gukinjura mu nzu yahora abanamwo n’umushingantahe wiwe umuhisi Mandela, abisabwe n’incuti za Mandela. Uwo muryango ukaba uvuga ko ushigikiye umupfasoni Graca Machel kuko ari nawe babona ko aserukira Mandela mu bintu vyose vyoba muri uwo muryango.

‘’Incuti za Mandela zari zikwiye kugandarira uwo muhisi, bakareka kuryana kandi bari bakwiye kwubaha bakareka kumukurikiza induru nk’uko bikwiye ku muntu nka Mandela, vyavuzwe n’umuvugizi Daludumo Mtirara aho yariko avugira uwo muryango w’abaThambu. Uwo muryango wamenyesheje kandi ko ushigikiye ko umwuzukuru wa Nelson Mandela ko ariwe aba umukuru mu muryango.

Ariko umupfasoni Madikizela wewe yarahakana ko hoba hari indyane mu vyerekeye uwuzotwara ibisigi vya Nelson Mandela, aho mbere hatanguye kwibonekeza induru mu gihe Nelson Mandela yari ku musego aremvye. Urukurukuru rw’uko basubiye kuryana rukaba rwatanguye gutembera inyuma gato y’ifubwa rya Mandela.


Floxella Karire

Messages

  • ntamatiku dushaka atubwirako umuryango wa MANDELA.UTUMVIKANA.dukeneye abavugako nyuma yurupfurwe, mwasuye umuryangowe mukawuhumuriza. akaba aramahoro. imana ikarinda umuryango yasize. uwo nimurage yadusigiye mwiza. abanyamatiku muri Africa ntitubakeneye

  • Wewe jewe nihomba abo bose baryana bapfa ubusa ko nubundi yabakijije kandi bashaka boreka umusaza akaruhuka mumahoro kuko yari good men,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.