IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Ukwezi kwa Mukakaro kwabaye kubi ku binjiza ibidandazwa vya (...)

Ukwezi kwa Mukakaro kwabaye kubi ku binjiza ibidandazwa vya magendo

jeudi 21 Myandagaro 2014

Mu kwezi kwa Mukakaro gusa, igiporisi kijejwe kurwanya ibiturire, kivuga ko cafashe ibidandazwa vya magendo biciye amafaranga agera ku miriyoni 76 z’amafaranga y’amarundi.

Mw’isakwa ryabereye ku rubibe igihugu c’Uburundi gihana n’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Lievin Macumi arongoye brigade yo kurwanya ibiturire avuga ko ibidandazwa bigizwe n’ amata y’ifu, inzoga zo mu bwoko bw’imivinyu, imisegetera, inzoga zitemewe n’amategeko mu Burundi ziri mu tumwanya, isukari iva mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo hamwe n’itabi riva mu gihugu c’Urwanda, ibitenge hamwe n’ibindi biciye imiriyoni 76 z’amafaranga y’amarundi, akaba arivyo vyafashwe muri iryo sakwa.

Ku kibazo c’uko banyene ivyo bidandazwa bashobora kubironka, umukuru wa brigade ijejwe gutuza igiturire, avuga ko bazoraba ico amategeko avuga, baheze bakurikize amategeko, uwuronswa ibidandazwa vyiwe abihabwe ariko hakurikijwe amategeko. Ukwezi kwa Mukakaro rero, kukaba kwari kwahariwe gutuza abinjiza ibidandazwa badakurikije amategeko, aho iryo sekeza ryakorewe ku mbibe zose, ahazwi ko haca ibidandazwa vya magendo.

Lievin Macumi agasaba abanyagihugu bose gukorana n’ikigo OBR hamwe na brigade idasanzwe ijejwe kurwanya ibiturire, mu gutuza abo bose bashaka kwinjiza ibidandazwa badatanze amakori ya Reta.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.