Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukwibagira kw’abana bato: kubera iki abana bama basubiramwo amakosa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ukwibagira kw’abana bato: kubera iki abana bama basubiramwo amakosa (...)

Ukwibagira kw’abana bato: kubera iki abana bama basubiramwo amakosa amwe

mardi 4 Ruheshi 2013

Nk’uko bivugwa n’umuhinga w’umunye canada Paul Frakland akora ku bitaro vy’abana barwaye b’i Toronto, kwibagira kw’abana bisigurwa ko abana bari musi y’imyaka itatu bama basubiramwo amakosha.

Ikinyamakuru Atlantico gisigura ko ukuntu udutsi dutuma umutwe ukora dukura n’ingoga arivyo bituma abana bato baca bagira ingorane mu gufata ibintu mu gihe kinini.

Kubw’uwo muganga Paul Frakland yasanze bikwiye kubabarira abo bana bama basubiramwo amakosa ya yandi nyene, uno musi ukamubuza ikosa ugasanga arisubiyemwo hataheze n’umwanya muto. Ni indwara yo kwibagira y’abana, ivyo bikaba biterwa n’ukuntu udutsi dutuma ubwonko bukora neza dukura n’ingoga.

JPEG - 4.4 ko
Umuhinga wo mu gihugu ca Canada, Paul Frakland

Abana bato ntibatahura ko oya ari oya

Imbere y’imyaka itatu, inguvu z’abana bato ziba ari nke cane ku gukura no kuvyara utundi duce canke udutsi. N’uko kwihuta kwo gukura kw’ama cellule mu gice gikomeye kibika ibintu bigatuma uguma uvyibuka ku bana bari musi y’imyaka 3.

Kuguma wibuka rero bigaca bigora abo bana, bikanka ko bafata ivyo abavyeyi baba bababujije canke bagire ivyo bibuka bitonze. Ariko rero iyo umwana arengeje imyaka 3 ntaco aba acireguza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.