IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ukwisunga amasezerano y’Arusha ntikwari kumenyerewe mu gisata (...)

Ukwisunga amasezerano y’Arusha ntikwari kumenyerewe mu gisata c’indero

samedi 28 Nyakanga 2013

Abanyeshure bamwe bamwe baronse amanota menshi abaha uburenganzira bwo kuja kubandaniriza amashure yabo mu makungu, baridoga ko uyu mwaka batashoboye kuja kwiga hanze, abagiye nabo, batazi ivyo bafatiyeko.

Umwe muri abo banyesheshure baronse amanota menshi akaba yabariye Isanganiro ko yaronse amanota 73 kw’ijana, ariko akaba atashoboye kuronka uburenganzira bwo kuja kwiga hanze, uyo munyeshure yavuze ko mu nyuma yashoboye kwumva amakuru amubarira ko abagiye kwiga hanze, boba harimwo abaronse amanota ari inyuma ya yiwe.

Iyo ngingo rero ku bw’abo banyeshure, ije gusubiza ubumenyi inyuma kuko abanyeshure usanga baronka amanota meza bazoca bacika intege, ivyo bitume umwimbu ugabanuka mu gisata c’indero.

Ku bwa Dénise Rukundo, umuyobozi mu bushikiranganji bw’indero ajejwe ivy’ugufasha abanyeshure n’imyimenyerezo mu buzi, avuga ko ubu mu kurungika abanyeshure baja kubandaniriza amashure yabo mu makungu, bisunga ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi. Uyo mupfasoni akaba yamenyesheje ko abanyeshure baja kwiga hanze, hisungwa rwose amasezerano ya Arusha, bagaca baheza bakaraba intara, ubwoko n’igitsina kugira ntihabe ubusumbane mu gisata c’indero, muri abo baja kunonosora ubumenyi mu makungu.

Abatari bake bakaba bari bazi ko amasezerano ya Arusha akoreshwa mu bibanza vya politike gusa, mu gisata c’indero bikaba bitari bizwi, na rirya ubu ariko bigenda,


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.