Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukwitaba Imana kwa Nelson Mandela ngo si ejo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ukwitaba Imana kwa Nelson Mandela ngo si ejo

Ukwitaba Imana kwa Nelson Mandela ngo si ejo

vendredi 21 Ruheshi 2013

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo Thabo Mbeki yaramye gusuhuza uwo yasubiriye ku ntebe ariwe Nelson Mandela aho arwariye mu bitaro, Mbeki rero akaba yamenyesheje abamenyeshamakuru ko mugenzi we ukwitaba Imana atari ejo, kuko amagara yiwe ubu yifashe neza.

Nelson Mandela rero ameze neza ubu, n’aho ngo abatari bake babona ko yari yaremvye gose ku buryo ba bona ko ashobora kwitaba Imana, eka ndetse n’abo vyoba vyari mu mitwe yabo ko Mandela yohava yitaba Imana ubu, babikureyo, kuko kubwa Thabo mbeki, Nelson Mandela kwitaba Imana si ejo. Ivyo Mbeki akaba yabimenyesheje mu kiganiro ca politike ejo ku mugoroba igenekerezo rya 20 Ruheshi 2013.

Mbeki yabandanije avuga ko bategerezwa kugira ukwizera ko Mandela akiri kumwe nabo, kandi azogumana nabo. Thabo Mbeki amenyesha ko yagumye avugana n’abaganga biwe ndetse n’abari mu muryango wiwe, ati kandi abantu bakwiye kwizera iryavuzwe na Leta ko amagara ya Mandela ubu yifashe neza.

Twobibutsa ko Thabo Mbeki yasubiriye ku butegetsi Nelson Mandela mu mwaka w’1999. Ubu rero Nelson Mandela w’imyaka 94 y’amavuka, amaze hafi indwi zibiri mu bitaro kubera indwara y’amahaha mu bitaro vy’i Pretoria. Gushika ubu rero, bamwe mu bagize umuryango wiwe baguma bagenda kumusuhuza, eka n’abanyagihugu nka bose bumva boja kumusuhuza n’aho bigoye kuronka uruhusha.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.