IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ukutumvikana nikwo kuharangwa

Ukutumvikana nikwo kuharangwa

jeudi 8 Myandagaro 2013

Urwego rukuru rw ’ubutungane, rwubahiriza ubwigenge bw’abacamanza butegerezwa kugirwa n’abacamanza basanzwe bakora ako kazi n’akazi ko guca imanza gahagarikirwa n’urwo rwego rukuru rw’abashingwamanza nyene.

Ivyo nivyo vyasabwe n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike kuri uyu wa kabiri, mu ntumbero yo kurwanya kudahana ivyaha hamwe n’abantu bicwa baramaze gushika mu minwe y’inyamiramabi, abandi bavanywe mu mabohero bisigaye vyabaye ndanse mu Burundi. Ivyo vyavugiwe muri nama rukokoma y’ubutungane iriko ibera mu ntara ya Gitega. Ibitandukanye ni biba uno munsi, aho abari muri urwo rwego rukuru rw’abacamanza 17 mu ribo batorwa n’abacamanza ubwabo bari muri urwo rwego , abandi bagatorwa n’umukuru w’igihugu.

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM, Vital Nshimirimana, arongoye urunani FORSC hamwe na Pierre Claver Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH, baranegura iyo nyifato babona ko ari uburyo bwihishije bwo kwifatira urwego rw’ubutungane. Uwuserukira urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura umushingantahe Gabriel Sinarinzi yasavye ko gutanga akazi ku bacamanza, harihakwiye kubanza kubaho ikibazo co kuraba ababifitiye ubushobozi gusumba aband

Valentin Bagorikunda umushikirizamanza mukuru wa Republika arabibeshuza kandi aramenyesha ko ata kudahana kuhari mu burundi. Amenyeshako imanza zimwe zimwe ziteba ariko si kubera abacamanza. Inama rukokoma yerekeye ubutungane ikaba yahuje aberekewe n’ivy’ubutungane bose bo mu Burundi kugira bigire hamwe gushika mu mizi ingorane ziri mu gisata c’ubutungane, ngo babitorere inyishu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.