Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umucamanza azofatwa yariye igiturire akaryanisha abanyagihugu azohanwa (...)
Umucamanza azofatwa yariye igiturire akaryanisha abanyagihugu azohanwa vy’akarorero
lundi 14 Ntwarante 2016, par
Umushikiranganji ajejwe ubutugane mu Burundi, Kanyana Aimee Laurentine, yamenyesheje ko amaze kubona ingene ibiturire biribwa muri ico gisata ajejwe.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku wa mbere, Aimee Laurentine Kanyana yamenyesheje ko “mu mezi atandatu amaze arongoye ubushikiranganji bw’ubutungane ko bararonse umwanya wo kuraba neza aho igiturire kiribwa, igihe kiribwa n’uburyo kiribwamwo’’.
Yamenyesheje ko guhera uno munsi agize ”ikigongwe c’ikivunga’’ ariko ko kuva ubu umucamanza ‘’azofatwa yariye igiturire akaryanisha abanyagihugu azohanwa vy’akarorero’’.
- Umushikiranganji ajejwe ubutugane mu Burundi, Kanyana Aimee Laurentine
Umushikiranganji Kanyana nta mazina y’abo bamaze gufata yavuze ariko ngo ubasanga mu masentare yose harimwo ayo intango, muri sentare irwanya ibiturire, sentare ijejwe imanza z’akazi, mu bugenzi bw’ubutungane mu bushikiranganji.
Biranashika n’umuntu yafatanywe ibigwanisho akanavyiyemerera arekurwa adaciriwe ibihano bitegekanijwe n’amategeko.
Mwomenyako Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike n’agateka ka zina muntu yari asanzwe akunda kwagiriza ubucamanza mu Burundi ko bwiziziwe n’ibiturire.
IGIHE
Messages
14 Ntwarante 2016, 22:43, par nkdn
ahubwo nimugarukire ubutumgane birarenze kuko kiribwa ababuranyi bose kikaribwa muri wamwanya bavuga ko rugiye mumwiherero ataco ushikanye uca utsindwa twebwe abene gihugu twararushe hatsinda uwo afise uburyo vyukuri mushikiranganji igihe mwokosora abo bacamanza mwoba mutabaye abarundi nuburundi nibiturimwo vyogabanuka nagira ntange iciyumviro uko twokuraho ako kabi nuko umucamanza azoca urubanza nabi rwungururijwe ahandi bikaboneka ko uwomuntu yari yarenganijwe abaciye urwambere bazoce barengucwa batange indishi yakabaro kuwo muntu yarenganije niho mwoba mugabanije icocago cigiturire kuk o botinya ko vyobagarukako ikindi uryamwanya wumwiherero uhave imanza zize zicibwa ikibiriraho kuko niwo mwanya ibiturire biribwa ubu umuntu arashobora kunyaga utwawe udafise ivyo utanga ugaca uheba uko nukuri simbeshe numushikiranganji yabivuze ko amaze kumenyaho ibiturire bica rero ingingo nizifatwe
14 Ntwarante 2016, 23:36, par MANIRIHO
NUGUTANGA AKARORERO NIVYO VYIZA!
15 Ntwarante 2016, 09:36, par tari
Icokigongwe cikivunga kiraba kitaraba bamwe mubagize sentare yubahiriza ibwirizwa Shingiro bategerezwa guhanwa uraziko bateranije abarundi mugufasha nkurunziza guhonyanga ibwirizwa Shingiro hamwe namasezerano yarusha kandi kiraba kitaraba bagorikunda nabandi bacamanza barikureberera nomuguha impigi abicanyi bariguhekura igihugu abobose bategerezwa gukubitwa intahe mugahanga
15 Ntwarante 2016, 09:59, par j.kassim
mupfakuvuga murazamwirabire akamaramaza muri P.J. Mishiha ayobakora.
15 Ntwarante 2016, 10:40, par cuma
Turagusavyeturungikire,inimerozaterefone
30 Ntwarante 2016, 03:30, par rumarinkw jens bosco
nimuyinga twarago uwo ubwiye wese akureba irariri nkanj nojwinkey nakazi kokubeba inyama kukabar ariko chef de post yaciye avya mpaka kugira bugurur ako kabare babanze bamuhe 500.000 Fbu,mwumva atari ibara emwe murishikira imuyinga mwibarize nikur 09.