Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umudandaza umwe azoronswa ikibanza kimwe nyene mw’isoko mfatakibanza ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Umudandaza umwe azoronswa ikibanza kimwe nyene mw’isoko mfatakibanza ya (...)

Umudandaza umwe azoronswa ikibanza kimwe nyene mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU

vendredi 26 Nyakanga 2014

Nta mudandaza azoronka ibibanza bibiri mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU, n’aboba bisanze bafise ibibanza bibiri canke birenga ku rutonde rwa mbere rwashizwe ahabona rw’abazoronka ibibanza, kwoba kwabaye ukwihenda, nk’uko umukuru w’umurwi ujejwe gutanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU, Melchior SIMBARUHIJE abishikiriza.

Mu gatondo ko kuri uno wa gatanu, uruja n’uruza rwari rugihari kw’isoko mfatakibanza ya COTEBU, abadandaza bahora bakorera kw’isoko nkuru ya Bujumbura baje kuraba ko boba bari ku rutonde rwa mbere rw’abazoronka ikibanza muri iyo soko. Bamwe mu badandaza twahasanze baridoga ko bahorana ibibanza bibiri canke birenga ariko bahawe ikibanza kimwe gusa. Uwundi murwi n’uw’abadandaza bari basangiye ikibanza mw’isoko nkuru ya Bujumbura ariko ugasanga hahawe umwe uwundi akabura.

JPEG - 49.1 ko
Abadandaza bariko biraba ko bari ku ntonde zasohowe

Melchior Simbaruhije, umukuru w’umurwi ujejwe gutanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU, aratanga umuco amenyesha ko atawuzobandanya asangira ikibanza mw’isoko n’uwundi. Mu gihe bose uko ari babiri basanzwe bari bafitaniye amasezerano na SOGEMAC, ntibazobandanya basangira ikibanza mw’isoko ahubwo umwe wese acaronka ikibanza ciwe. Ku vyerekeye naho umurwi w’abadandaza bari bafise ibibanza ariko ata masezerano na SOGEMAC, Melchior Simbaruhije arabahumuriza abasaba kutagira ubwoba kuko ikibazo cabo bakizi muri uwo murwi, bakaba bafise uko baziga ico kibazo cabo. Kuboba naho baronse ibibanza bibiri canke birenga kuzoba kwabaye kwihenda, kuko umudandaza umwe wese bitegekanywa ko aronka ikibanza kimwe gusa.

Ku cerekeye ibihushane vyagiye bishikirizwa mw’iharurwa ry’ibitigiri vy’ibibanza biri muri iryo soko mfatakibanza ya COTEBU, ibiharuro vy’ibibanza vyagiye bigabanuka, Melchior Simbaruhije asigura ko ibitigiri bashikirije ubwa mbere ari ivyo bari bahawe na Mairie ya Bujumbura, ariko umurwi usubiriye kuvyiharurira basanze ibitigiri ari bike, mu nyuma naho vyoba vyabaye ngombwa ko bashira inzira aho batari bazishize ivyo bikaba vyatumye ibibanza bigabanuka.

JPEG - 33.2 ko
Melchior Simbaruhije, umukuru w’umurwi ujejwe gutanga ibibanza mw’isoko y’imfatakibanza ya COTEBU

Umukuru w’uwo murwi yongera kandi gusaba umudandaza wese atibonye kuri urwo rutonde ariko yari afatiniye amasezerano na SOGEMAC kwandikira uwo murwi, ikiringo catanzwe kitararengana, akabibutsa ko ico kiringo kizohera kuri uwu wa mbere, igenekerezo rya 29 Nyakanga 2014, igihe c’isaha zitandatu z’umurango.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.