IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umudiringi uragisibije mu turere tumwe tw’igihugu

Umudiringi uragisibije mu turere tumwe tw’igihugu

mercredi 7 Rusama 2014

Inzoga y’umudiringi iragisibije mu burere butandukanye, ndetse ikaba iri mu bituma umutekano w’abanyagihugu uhungabana, nk’uko bimenyeshwa na bamwe mu bari bitavye inama y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Bamwe mu bari mu mashirahamwe akurikiranira hagufi ibiba, bakaba bamenyesheje umushikiranganji Edouard Nduwimana ko, inzoga y’umudiringi igisibije, ndetse abanyagihugu bamaze kuyihaga, bishika n’aho batemana, abandi bakarwana kubera akaborererwe, hatibagiwe ayandi mabi akorwa n’abanywa iyo nzoga.

Mukamenya ko iyo nzoga abatari bake mu banyagihugu bavuga ko iriho mu micungararo itandukanye, aho yaba umudiringi, umukororajipo, umunanasi, n’izindi abajejwe intwaro bagerageza kuzituza ariko vyanse. Bikavugwa ko harimwo bamwe muri abo nyene bari bajejwe kuzituza, bagaruka bagafasha mu kuzikingira ikibaba, kugira zigume zidandazwa aho baherereye. Hagatungwa agatoke cane cane abakuru b’imitumba bafashanije n’abajejwe umusozi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.