IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuduga waturiwe muri komine ya Kanyosha

Umuduga waturiwe muri komine ya Kanyosha

lundi 25 Rusama 2015

Imyiyerekno yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Peterp Nkurunziza yasubiye kwibonekeza mu makomine amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, inyuma y’iminsi ibiri y’akaruhuko.

Muri komine ya Kanyosha, umuduga utwara abantu waturiwe hagati y’ibarabara rya mbere n’irya kabiri. Uwo muduga ukaba wari wazindutse kugira utware abariko baja ku buzi bwabo. Abari muri wo, co kimwe n’uwugendesha, bose bakaba bakuwemwo, uca uraturirwa.

Mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura rero, mu makomine ya Musaga, Kanyosha na Kinindo, abari mu myiyerekano, bakaba bazindutse baturira amapine y’imiduga mw’ibarabara. Abasirikare nibo baboneka ku bwinshi hagati mu makaratiye mu gihe abaporisi nabo bari ku ntango z’amabarabara.

Twobamenyesha ko nko muri komine ya Kanyosha ahavyutse humvikana amasasu menshi, abanyagihugu basabwe n’abasirikare kuziburura amabarabara bazibije ibiti n’amabuye eka n’umuriro, abo nabo baranka. Abasirikare, bakaba bariko bagerageza kuzibura ayo mabarabara, n’aho amabuye ari menshi co kimwe n’ibiti.


Aristide Nizigire

Messages

  • emma, jewe ndateye ivyatsi iyonyifato yo guturira ivyabantu baruhiye, kandi ni bareke konona ntaco bimaze amatora azohera twongere tubane guturira abantu nimiduga siyo nyishu ahubwo bariko bashavuza abandi ni babandanye ugwaruka nirureke guhendwa

  • ndateye ivyatsi izombura kimazi zihendwa nabantu bamwe bamwe bo mumashiramwe vital pacifiqwe mbonimpa na leonce bahagarik ivyobintu kuko bariko barihenda kand amatora azoba.mbe iyo miduga baturira bamdnye ko ubutungane buzokora nukur ndasavye bahagariko iyo migumuko ntayind nzira ataramatora ndabateye ivyatsi

  • ITEKEREZO CYANJYWE NICYI NIBAREKE KWIRWA NIRIRA BARINDIRE ICYO IMANA IZAKORA KUKO NIZIBIKA ZARAMATI KANDI SIKOBIZAHORA ASATE?

  • courage.abafise imiduga bayigumize mu mpango kugira bifatanye nabandi uwase kumva iturirwe.

  • Mwe mutera ivyatsi abaturira, ivyo muvuga nivyo. Ariko ko mudatera ivyatsi abirirwa barica abana b’abantu?

  • Ayo mabandi abuza abantu kujya kutuzi twabo kuki batayarohamo za grenade . Nkurunziza yagombye kureka kugirira izo mburagasani i Kigongwe

  • aha ntaco umwana wumuntu yobivugako sauf imana yonyene ikwiye kugra ico ikora.kubera uburundi bugeze kumusozo.

  • jewe ndimwo mu myiyerekano, mwadutera ivyatsi mwareka ntibidufata kuko si twe twategerezwa ku bitegwa ni pitapita yategerezwa ku bitegwa na bariko baramuhenda bose kuko ubu biraboneka ko atariwe afata ingingo uko tumubona nuko turonka amakuru yiwe ntavyo yoshobora. rero ku neza yanyu ejo mardi mugume imuhira bantu mwese mu cidadira ngo muja ku buzi, imodoka nazo mutazihimvye muzibike aha twese turazifise ariko tuzishuhiriza mu hira kandi n’ubuzi turabufise turabusiba kandi nta kibuzako umunsi twashitse iyo twifuza tutazonusubirako namwe mwigira abahinga mukaboneraho. sindi umuja.

  • Ahubwo Abantubongaho I Bujantibagikundamagarayabo.Letanirabeigikwiye.

  • Ahubwo Abantubongaho I Bujantibagikundamagarayabo.Letanirabeigikwiye.

  • Ahubwo Abantubongaho I Bujantibagikundamagarayabo.Letanirabeigikwiye.

  • Ahubwo banyen’imiduga nibazishire mumpango bace banahagarika kuriha namakori yose. Kuko birababaje kubona ibintu biturirwa namantu bakicwa bunyamanswa atacamira. Nta asirance nta butungane nta mategeko mugihugu:( uburundi busigaye bur’isoko gyamaraso ya bantu:(😂

  • Je suis fortement préoccupé par l’ avenir de ces jeunes. Est-ce qu’ ils seront redressés??? Ils sont déjàaffectés d’ une façon psychotraumatique. Ils ne pourront plus suivre les études par manque de concentration, ils vont bientôt s’ attaquer àleurs parents et demain ils seront des gangs des terroristes.
    Je crois qu’ il ya d’ autres façon d’ arreter le 3 mandat sans compromettre l’ avenir de toute une jeunesse. N

  • Ivyo bintu biriko birononekara n’abariko baricwa ama commissions yashinzwe akore amatohoza tuyasavye kubikora neza ababahamagariye mw’ibarabara bazokurikiranwa n’ubutungane bitebe bitebuke!!!

  • Ivyuburundi Biragoy Kk Twese Turi Basumrinda Rr Twosenga

  • Ibi vyose biraba igihugu cose.sinumva ukuntu umuntu yobona tumerewe uku.ugaca ufata imodoka ngo genda mwibarabara

  • ndababwire ukuri ,ntakidahera kandi ntakitazohinyuka reka gusa ukuri kuje ahabona

  • Mwese muvuga ngo : SINDUMUJA,muri abaja ba satani.Muti gute twoba turi abaja kandi turiko duharanira uburenganzira bwacu´.

    1.Abaja b’Imana aribo bana b’Imana bagira ukwihangana,
    2.Abaja b’Imana ntibica,ntibaturira,ntibatukana,
    3.Abaja b’Imana bumvira abaganza bakubahiriza inzego z’igihugu.

    Ngiki ico abaja b’Imana bakora: Barase mu mpwemu no mukuri hanyuma ibihome vya Yeriko bikabomagurika

    Imana iduharire.

  • Icombona.Izontumva Zigumazijamwibarabara Nizozitumahaba Umutekanomuke,ahubwo Ubunugukoreshinguvu.Kuburyo Atawuzongerakwiyumvirakuja Mwibarabara

  • Birababaje, Buri wese akwiye kuzirikana ko nta muntu numwe wahaye undi ubuzima ku buryo yagira ibikorwa byo kuvutsa canke kwambura undi ubuzima yahawe na Rurema. Nyamuneka nimusigeho, mugereze aho.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.