IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umugabo yabiriye inka

Umugabo yabiriye inka

jeudi 6 Kigarama 2012

Hari umugabo w’umwungere wo mu ntara ya Cibitoke yabiriye inka hanyuma abantu babiri baje kuraba ivyo ariko arakora aca arabakubita, ubu bari mu bitaro, nawe arafunzwe mu gipolisi.

Hari ku mugoroba wo ku munsi wa kabiri italike 4 ukwezi kwa Kigarama umwungere yaragiye inka ku nkengera z’uruzi Rusizi yaboshe inka imwe muzo aragiye aca atangura kuyabira. Haheze umwanya utari mutoya, umuntu yariko ararengana yibaza ko uwo mwungere yoba ariko arabaga iyo nka kugira ayirye inyama. Aramwegera kugira arabe, hanyuma wa mwungere arivuna kuko yaraje kumutesha. Wa mwungere amukubita inkoni nini igufa ryo ku rutugu riravunika.

Uwundi muntu agira kabiri yumvise induru aja gutabara, wa mwungere aca amutera ibuye riramukomeretsa cane ku mutwe. Uwo mwungere yaciye ata aromoka ariko aho yaca hose yagenda arakubita abantu bamwegereye.

Abanyagihugu baratabaje igipolisi, naco kiramuhiga gushika kimufashe. Ashitse mu giplisi c’inyamiramabi, uwo mwungere yaremeye ko yakoze ibidakorwa mu kwabira inka aragiye. Avuga ko ata caha yakoze kuko yabiriye inka yiwe. Igipolisi caciye kimuta muri yompi ubu arafunzwe yagirizwa guhungabanya no guca kubiri n’imico, ico bita mu gifaransa ’’Atteintes aux mœurs’’.

Abo bantu nabo bakubiswe ubu bariko baravurigwa mu bitaro vyo mu ntara ya Cibitoke. Abatari bake bibaza ko uwo mwungere yoba yari yasaze.


Bonesha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.