Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yarashwe n’umukozi wa FBI i Florida - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Yarashwe n’umukozi wa FBI i Florida

Yarashwe n’umukozi wa FBI i Florida

jeudi 23 Rusama 2013

Amakuru dukesha ibinyamakuru bitari bike vyo muri Leta zunze ubumwe za Amerika amenyesha ko umugabo w’imyaka 27 yishwe kuri uwo wa gatatu n’urusase, muri Leta ya Floride.

Yari umugenzi wa Tamerlan Tsarnaev, umwe muri babiri bagize igitero muri Leta ya Boston, yishwe nawe inyuma gato y’ico gitero.

Uwo mugabo yarashwe na FBI kuwa gatatu igenekerezo rya 22 Rusama i Orlando muri Leta ya Floride yitwa Ibragim Todashev.

Umukozi wa FBI yari aje kumubaza, inyuma y’amasaha abiri ariko arabazwa, uwo mugabo,yarasanzwe yitwaje imbugita yagerageje gucumita uwo mukozi wa FBI. niko guca amurasa.

Ibragim Todashev yari umugenzi ashika wa Tamerlan Tsarnaev bakinana urukino rwa karate. Todashev yari yanamuvugishije kuri ngendanwa mu kwezi guheze. FBI yari imaze imisi imwiyezako kuva ico gitero kibaye kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza kandi yari yamubajije kenshi.

Amakuru dukesha mugenzi we , Khusn Taramiv, imbere y’uko yitaba Imana, yari yiyemereye ko yagize uruhara ku rupfu rw’abantu batatu.
Abo bantu batatu rero bari batowe banizwe aho basanzwe bakorera


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.