Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugabo yasanze yubakanye na mushikiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umugabo yasanze yubakanye na mushikiwe

Umugabo yasanze yubakanye na mushikiwe

mercredi 27 Ruhuhuma 2013

Umurongo wa internet uvuga ibijanye n’impanuro bise “Dear prudence” hari inkuru ivugwa y’umugabo yahuye n’ivyago vyamushikiye we n’umukeneyezi wiwe.

Uyo mugabo ariganira ivyamushikiye ati: « Igihe Umugore wanje nanje twahura kuri kaminuza twaciye dukundanye cane kuburyo vyari bigoye ko dutandukana ».

Uyo mugabo n’umugore rero ubaravye bafise vyinshi bahurizako ndetse bakanakunda bimwe. Bubakanye bagiheza amashure, ubu rero bafise abana batatu bavyaye imbere y’uko bakwiza imyaka 30.

Uwo mugore n’umugabo bose bavutse habanje gukoreshwa ubuhinga bw’urushinge bita insémination kandi bose barezwe naba bagore usanga babana basangiye ibitsina bita" lesbiennes".

Umugore yaragerageje kurondera uwoba ari se wiwe w’amaraso, ariko umugabo wiwe ntavyo yitaho kurondera muri ako kanya, ariko ku musi wo kwibuka isabukuru ya mariage yabo, uwo mugabo nawe yarakoze itohoza ryo kurondera uwoba ari se wiwe.

Ibigo bitandukanye yagiyemwo bibika intanga, bapimye basanze asangiye se n’umugore wiwe ariko nkuko avyivugira ngo vyaramugoye cane kubihishurira umugore wiwe, ubu akaba ariko agerageza uburyo yokwiyibagiza ivyo bintu.

Emile yoffe batazira Prudence avuga ko ikintu nk’ico cigezwe kuvugwa mu gitabu citwa "The genius Factory" aho uwacanditse yibajije ati: « Ni igiki kihaba iyo abavukana bakundanye nk’umugore n’umugabo ? ».

Prudence ahanura ko vyoba vyiza abo bubakanye babwizana ukuri kuri ivyo bintu hanyuma bagasaba impanuro ku muhinga w’ivyerekeye kurondoka ngo ariko ko abana ntidakwiye kubimenya.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.