Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe ANC wa Nelson Mandela wamusezeye ubwa nyuma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umugambwe ANC wa Nelson Mandela wamusezeye ubwa nyuma

Umugambwe ANC wa Nelson Mandela wamusezeye ubwa nyuma

samedi 14 Kigarama 2013

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu, imbere y’uko ikiziga ca Nelson Mandela kijanwa i Qunu, aho bitegekanijwe ko ashingurwa, umuryango wa poritike wa Nelson Mandela wasezeye ubwa nyuma iyo ntwari yabashikanye ku ntsinzi.

Ikiziga ca Nelson Mandela camaze amasaha abiri mu kibanza co ku kibuga c’indege ca gisirikare kiri i Waterkloof. Abategetsi batandukanye bo mu mugambwe wa Nelson Mandela, ANC (African National Congress) uri ku butegetsi bamusezeye, bari kumwe na bamwe mu bafashanije na Nelson Mandela mu rugamba rwo kurwanya intwaro ya karyanishamiryango.

JPEG - 11.9 ko
Umukuru w’igihugu Jacob Zuma, ahagatijwe na Graça Machel, umupfakazi wa Nelson Mandela na Winnie Mandela, yahoze ari umutambukanyi wiwe

Isandugu irimwo Nelson Mandela yakiriwe n’urunani rw’abakukuruke b’igisata ca gisirikare "Umkontho We Sizwe", mu mugambwe ANC, urunani rwatangujwe na Nelson Mandela. Bakoze ikimenyetso gikomeye co kumusezera. Ibendera ry’igihugu ryari ripfutse iyo sandugu barikuyeko, bamupfuka ibendera ry’umugambwe wiwe ANC. Imbere y’uko yurizwa indege imishikana i Qunu, iyo bendera ica ishikirizwa n’umukuru w’igihugu Jacob Zuma, ku muryango wa Nelson Mandela. Inyuma y’aho, indege isanzwe imurindiriye ku kibuga c’indege i Waterkloof ica irarerura ikiziga ca Nelson Mandela gushika aho i Qunu, akarere Mandera yavukiyemwo, ari naho bitegekanijwe ko ashinguranwa iteka.

Nk’uko umuvugizi w’umuryango wa Nelson Mandela abimenyesha, muri iyo ndege, Nelson Mandela azoba ari kumwe na bamwe mubagize umuryango wiwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.