Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuganwa w’Ubwongereza yarahatswe kugandagurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umuganwa w’Ubwongereza yarahatswe kugandagurwa

Umuganwa w’Ubwongereza yarahatswe kugandagurwa

dimanche 2 Ruheshi 2013

Igipolisi c’i Londres ca taye muri yompi umugabo w’umwongereza ari mw’idini rya Islam yiyemerera ko yarafise umugambi wo kugandagura umuganwa Harry, uyo mugabo rero akaba ahakwa gupfungwa imyaka icumi.

Ashraf Islam w’imyaka 30 y’amavuka, yitavye ubutungane yagirizwa kuba yari afise umugambi wo kugandagura umuganwa Harry, uyo mugabo rero akaba yiketswe igenekerezo rya 23 Rusama 2013, bukeye hishwe umusoda Lee Rigby i Woolwich mu Bumanuko bwa Londres.

Ashraf Islam w’imyaka 30 y’amavuka.

Igipolisi c’i Londres kikaba carashoboye gufata mu nyabwonko ya Ashraf Islam ko afitaniye imigenderanire n’imirwi y ‘iterabwoba, kuba anyuruza abantu, kuba akoresha ibirwanisho bicira umuriro.

Inyuma y’igitero cabaye i Woolwish ndetse n’aho ivyo vy’uyo mugabo wo mw’idini rya Islam bimenyekaniye, umutekano w’umuganwa w’Ubwongereza ukaba waciye wongerezwa bimwe bikomeye. Nk’uko bamwe mu begereye umuganwa Harry babivuga, abashinzwe umutekano w’umuganwa bategerezwa kudakubita urugohe kugira ntihagire uwobaca mu ryahumye.

Umuganwa Harry rero akaba yarahaye ubushobozi bukwiye igisoda c’Ubwongereza mu gikorwa co guhasha intagondwa z’abagizi ba nabi muri Afganistani, kubera ivyo rero abatalibani agashavu kakaba kaniga, kandi bagahiga kwihora.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.