Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuganwa William n’umutambukanyi wiwe Kate baramenyesheje igihe umwana wabo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umuganwa William n’umutambukanyi wiwe Kate baramenyesheje igihe umwana wabo (...)

Umuganwa William n’umutambukanyi wiwe Kate baramenyesheje igihe umwana wabo azovukirako

mardi 15 Nzero 2013

Umwana wa Kate n’umuganwa William yitezwe muri Mukakaro nkuko babimenyesheje kuri uyu wa mbere, rikaba ryari ribaye irya mbere babimenyesheje aho umwana wabo w’umurage kuntebe y’ubwami bwo mu Bwongereza azovukira.

Ngo bari n’akanyamuneza ko kumenyesha ko umwana wabo yitezwe muri Mukakaro nkuko itangazo bashikirije ry’abimenyesheje, baca bongera barabeshuza inkuru ivuga ko Kate azokwibaruka amahasa.

Kate na William « ntibiteze amahasa » nkuko vyasubiriye kumenyeshwa n’umuvugizi wo mu kirimba co mu Bwongereza ariko akaba yaranse kugira ico avuga kuvyerekeye igitsina c’uwo mwana azovuka.

Kate akaba yari yagize irekwe cane agitwara inda muntango z’ukwezi kwa kigarama mu mwaka uheze bikaba vyatumye Kate amara imisi mikeyi mu bitaro. Amagara y’umutambukanyi w’umuganwa William agenda atera imbere uko imisi ihera nkuko vyamenyeshejwe mw’itangazo.

Vyabaye ngombwa ko ikirimba c’u Bwongereza kimenyesha ko Kate afise inda kuko yagiye mu bitaro, bakaba bari barindiranye igishika inkuru nziza nkiyo mu Bwongereza imbere y’indwi 12 umukenyezi atwaye inda kuko arico gihe imbanyi zikunda kuviramwo.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.