Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugore w’intumva yazize gutwara abagabo b’abandi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umugore w’intumva yazize gutwara abagabo b’abandi

Umugore w’intumva yazize gutwara abagabo b’abandi

jeudi 23 Rusama 2013

Chipo Siband, umukenyezi w’imyaka 29 yamenye ivyamubayeko ari uko agiye mu bwiherero, abona ntashoboye kwihagarika kumvo z’uko igitsina ciwe cari cafatanye, yibaza uko vyamugendeye arabiyoberwa, niko gushira akaruru ku munwa.

Uwo mugore aturuka mu gihugu ca Zimbabwe akaba azwi cane kuryamana n’abagabo b’abandi, ubu kuva aho ibi bibereye bikavugwako vyagizwe n’umukenyezi umwe muri abo bagore yahora yama atwara abagabo. Uwo mukenyezi yitwa Mai Tawanda yari yaramwihanije, amusaba ko yoza araja kure umugabo wiwe yiwe.

Chipo Siband ntiyashatse kwumva ivyo yari yabujijwe, yibagira ko uwo mukenyezi yari yamusezeranije ko abirenzeko azokwibonerako kuko abizomushikira bitazoba ari vyiza na gato.

Inyuma y’ivyo vyago, Chipo yagiye gusaba ikigongwe kwa Mai hanyuma mwenewabo amwumvira ikigongwe aramuvura.

Uwo mukenyezi akaba abandanya asaba imbabazi uwo wese yoba yaratwaye umugabo kuko ivyamubayeko bimukosoye cane kandi bimuhaye icigwa ku buryo yumva agiye guca ahinduka akareka ingeso nk’iyo yo gutwara abagabo b’abandi mu busambanyi.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.