Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugore wa mbere avyibushe asaba kugabanurirwa ibiro imbere y’uko agire (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umugore wa mbere avyibushe asaba kugabanurirwa ibiro imbere y’uko agire (...)

Umugore wa mbere avyibushe asaba kugabanurirwa ibiro imbere y’uko agire ubugeni

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Urukundo ntirugira amaso, ntirugira amatwi canke rubuze uwuvyibushe gukunda uwonze canke uwonze gukunda uwuvyibushe. Uwu mugore wa mbere kw’isi avyibushe yikundiye umuyabaga w’umuhungu kandi ari se wabo. Asaba abaganga ko bomufasha kugabanya ibiro kugira bagire ubugeni.

Charity Piece afise imyaka 38, akaba afise ibiro bigera ku 765. Uwo rero yakunze se wabo Tony yifitiye imyaka 21 itarenga ntirenguke. Abo rero baca barikundanira birakomera. Ariko rero hari ikibazo, ubugeni bwabo burashoboka? Ikibazo c’uko Tony ari se wabo mutoyi wa charity baracumvikanyeko. Ikibazo gisigaye ni kimwe : Charity Piece afise ibiro bidasanzwe, bitayeko yararwaye n’indwara imutuma adashobora kuva naho aryamye.

Kugira rero bihebe bikunde ko abaganga bogira ico bamufashije n’uko yogabanuka nk’ibiro 200. Hanyuma akaja ku ngaburo n’imyimenyerezo vyotuma ibiro bigabanuka. Aho abaganga bamusaba ko yorya bike. Bigabanutse gato, abaganga bavuga ko bashobora kumubaga.

Tony naho akunda cane Charity, avuga ko abaganga batagize ico bafasha kugira umukunzi wiwe agabanuke ibiro, ntakibuza aramuheba. Charity yumvise ivyo, nawe n’amasozi menshi agira ati : "Hako nobaho uku nopfuma mpfa".


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Ndabaramukije mwanyakubahwa mujejwe kuturonsa amakuru agezweho sinibagiye nokuramutsa abasomyi bagenzi banje.ndabinginze musubiremwo murabe mushobora kuba mwihenze kubiro vyuwo muntu Charity.ubwanje sinshikana ibiro 70 hama mutubwire uwufise 700.mwotubwira uwugira kabiri ibiro apima?murakoze

  • ntibihenze ivyo ni ukuri.ehe mbere nkubwire ava muri USA.aha muri USA uhashitse utangura kubona gusa mwene n.abo bantu.bitumwa n.iki ahanini indya zigwiriyemwo isukari amasoda Bakunda

  • ABARUNDIKAZI IJUKIRE SPORT TWESE ,,MBE INGABURO NI GUTE ..TWIKEBUKE

  • BABIVUZE NABI SI UKUVYIBUHA AHUBWO NI UKURWARA. BARIKUVUGA BATI UMUNTU ARWAYE INDWARA Y’UMUVYIBUHO

  • oya oya kabisa uyo muntu ararwaye uko si ukuvyibuha!ariko rero abantu barikwegera,uyo dogo rero yibaza ko agira arongore!ahubwo nawe nyene abaganga ni bamupime mu mutwe barabe!mbe abarundikaz ko hariho abagore bazi ko ari banini,mbwira babivuze ko iki?ahubwo ndakubwire,uyo muntu tumusengere kuko ntiyorohewe...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.