Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugore yabiriwe n’umwana wiwe, ubu yiteze ikibondo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umugore yabiriwe n’umwana wiwe, ubu yiteze ikibondo

Umugore yabiriwe n’umwana wiwe, ubu yiteze ikibondo

jeudi 12 Nyakanga 2013

Umugore w’imyaka 40 y’amavuko, akomoka muri Zimbabwe, yafashe ingingo yo kwabirwa n’umuhungu wiwe w’imyaka 23 y’amavuko. Ndetse uno mugore akaba afise imbanyi y’amezi 6.

Uwo mugambi akomoka muri Zimbabwe yitwa Betty Mbereko. Ni umupfakazi afise imyaka 40 y’amavuko. Yabuze umutambukanyi wiwe haraheze imyaka 12. Haheze imyaka 3 afitaniye imigenderanire n’umuhungu wiwe, Farai Mbereko. Imigenderanire atari iyo umwana na nyina ariko iyo umugabo n’umugore. Ivyo bikaba vyabaye inyuma yaho yankiye kwabirwa na muramuwe nkuko umuco waho ubitegekanya.

Betty Mbereko afise imbanyi y’amezi 6 yatewe n’umuhungu wiwe Farai Mbereko. Ubu akaba yiteze umwana wiwe akaba n’umwuzukuru wiwe. Kuri iyo mvo rero yafashe ingingo yo kubishira ahabona, yandikwe n’inzego zibijejwe nkumugore w’umuhungu wiwe.

Imbere y’ubutungane bwo mu kirwati abamwo, uwo mugore yavuzeko yarihiye amahera menshi y’ishure uwo mwana w’iwe inyuma y’urupfu rwa se. none ubu rero, Betty Mbereko, avugako yahisemwo ku mugumana maze aronke agahembo c’inguvu yakoresheje. Ivyo akaba yabivugiye imbere y’ubutungane bw’ikirwati avamwo aho bwari bwamurengukije.

Betty ati: “Naritaye kurutare umwana wanje ndamurihira ariga ata numwe amfashije. None ubu mubona akora niho muza kunyagiriza ngo ndiko nkora ibidakorwa… ni mundeke ndonke kuvyo nabiriye akuya”.

Umuhungu wa Betty we bamubajije yagize ati: “Ni vyiza ko abantu bamenya ko inda yam awe arije nayimuteye”. Bumvirije izo nsiguro, abashingantahe b’ico kirwati baciye basaba ko bohagarika iyo migenderanire canke bave muri ico kirwati. Ariko umwana na nyina ntibavyemeye, baciye bahitamwo kuva muri ico kirwati.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.