Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugore yakijijwe n’imbwa yiwe agomba yiyahure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umugore yakijijwe n’imbwa yiwe agomba yiyahure

Umugore yakijijwe n’imbwa yiwe agomba yiyahure

mercredi 6 Ntwarante 2013

Umugore yagomba yiyahure ari muhira aho aba I Sorgues muri Vaucluse mu bumanuko bw’Ubufaransa yakijijwe n’imbwa yiwe imusunitse agomba yirase yamaze gushira umunwa w’inkoho ku mutima.

Nk’uko amakuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP abimenyesha,uwo mugore afise imyaka 63 y’amavuko,yavuye mu murima w’amashurwe afise inkoho yo mu bwoko bwa carabine,afise umugambi wo guheza ubuzima bwiwe.

Ayo makuru avuga ko,ahejeje kugerageza incuro nyinshi ngo arabe ko inkoho ikora neza,yafashe inkoho ayirabisha ku mutima,igihe yagomba arekure urusasu imbwa yaciye imusimbirako ica ituma urusasu rudatumbera ku mutima.

Umusirikare umwe yavuze ko iyo mbwa yoba yari yumvise ko ivyo bigiye kuba ica iramusunika kugirango imukize.

Uwo mukenyezi yakomeretse mu gikiriza,ariko agifise ubwenge yaciye atorwa n’umugabo wiwe,amagara yiwe akaba atifashe nabi.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.