Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugore yavyaye abana bane icarimwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umugore yavyaye abana bane icarimwe

Umugore yavyaye abana bane icarimwe

mardi 19 Ruhuhuma 2013

Twari tumenyereye abavyara amahasa rimwe na rimwe hakavuka n’ubushuri ariko ibi vyo
ni imbonekarimwe iyumvire namwe

Mu gisagara ca Houston mu ntara ya texas hari umugore w’imyaka 36 yibarutse utwana tune icarimwe. Utwo twana turasa hose, ntaco dutaniyeko. Kubona twavutse ari tune vyaratangaje bose kuko nkuko umuganga yakurikiranye uyo muvyeyi abivuga, ngo amahirwe yo kuvyara abana bane basangiye isimbizo; ni incuro imwe ku milioni 70( 1 fois sur 70).
Uwo muvyeyi yitwa Tressa n’umugabo wiwe Manuel Montalvo baremeza ko atawundi muti numwe bafashe wotuma bavyara abana benshi icarimwe. Ariko ko bigiriye inama yo kurondera umwana akurikira uwambere bari bafise, amaze imyaka 2. Niho rero amaze kugirisha ibipimo inyuma y’indwi 10 yibungenze, umuganga yababwira ko bazibaruka amahasa.Haheze indwi nkeyi uwo muganga asubiye gupima; aca asanga ari amahasa abiri ni ukuvuga abana bane.
Abo bana bavutse bakurikirana. Inyuma y’iminota mikeyi babiri ba mbere(Ace na Blaine) bamaze kuvuka, abandi babiri baciye bavuka nabo umwe yitwa Cash uwundi yitwa Dylan.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.