Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugore yishe umugabo wiwe aca amuhamba mu nzu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umugore yishe umugabo wiwe aca amuhamba mu nzu

Umugore yishe umugabo wiwe aca amuhamba mu nzu

dimanche 20 Nzero 2013

Iryo bara ryabaye mw’ijoro ku munsi wa kane ariko ntivyamenyekanye. Umugore wo ku mutumba Mweya komine n’intara ya Gitega yakubise agafuni umugabo wiwe asanzwe ari umu Pasitori mw’ishengero ya Libre Methodiste aca arapfa. Yaciye amuhamba mu nzu kugira ntibimenyekane. Sentare yakatiye igihano co gufungwa ubuzima bwiwe bwose.

Uwo muryango ngo hari haheze igihe utabanye neza. Bahora canke batukana bakagwana, naho se rugo yari umu Pasitori mw’ishengero rya Libre Methodiste muri komine n’intara ya Gitega. Uwo mu Pasiteri mbere ngo yaramaze gukubita umugore wiwe gushika aho inda y’amezi 2 ikoroka, ngo yamuhora ko atize amashure menshi.

Ibintu ngo vyagiye gukomera mw’ijoro ryo ku munsi wa kane. Uwo mu Pasiteri ngo yarashwanye n’umugore nk’uko vyahora hanyuma birahera baraja kuryama. Hagati mu gicugu, umugore yaciye afata agafuni agakubita umugabo wiwe mu mutwe. Uwo nawe ntiyasamvye yaciye yitaba Imana ubwo nyene.

Kugira ngo ntibimnenyekane, umugore yaciye afata ikiziga c’umugabo wiwe akihamba mu mfuruka y’inzu mu cumba, ashirako ivu arinumira. Ariko umwana wiwe yiga mu mwaka wa mbere yarabibona naho nyina yibajije ko asinziriye.

Bukeye, wamenga ntacabaye. Ariko umuntu wa mbere yaje muri urwo rugo yumvise umunuko w’amaraso. Aca arakoma induru abantu barashwabaduka. Babajije umugore iyo umugabo wiwe ari, arabura ico avuga. Baravye mu nzu, baca babona amaraso n’aho yamuhamvye hanyuma baramuzura.

Iyo abapolisi badashika hakiri kare, abanyagihugu bagira bagandagure uwo mugore. Baciye baja kumufunga. Umugabo nawe ababanyi bamuhambana iteka mw’itongo ry’abapfuye.

Igipolisi kibajije uwo mugore igituma yishe umugabo wiwe, yararahiye ararengwa ko atari we yamwishe. Yavuze ko yishwe n’abandi bantu babiri ariko yaranse kuvuga amazina yabo.

Kuri uyu wa gatandatu, urubanza rwaciye rusasa mu manza zihuta. Sentare yagirije uwo mugore kwica umugabo wiwe abishaka kandi abanje kubitegura. Kanastsinda ngo ntiyatabaje kandi yaramwihambishije.

Wewe yabandanije ahakana ko Atari we yakoze ico caha. Sentare yamubajije abakoze ico caha nawe arababura.

Umwana wiwe yiga mu mwaka wa mbere w’amashure matomato niwe yatanze umuco ingene vyagenze, yagiriza nyina ko ariwe yakoze ico caha n’ingene yamuhamvye mu mfuruka y’icumba. Sentare yaciye imucira igihano co gufungwa ubuzima bwiwe bwose.

Ishirahamwe rikingira agateka k’abagabo bakubagurwa n’abagore babo APHD rivuga ko bibabaje kandi vyerekana ingene n’abagabo bakorerwa amabi mu ngo. Vincent Bukuru arongoye iryo shirahamwe avuga ko mu waka umwe gusa, hamaze kwibonekeza abagabo barenga 10 bishwe n’abagore babo hamwe n’abagore barenga 5 bishwe n’abagabo babo. Asaba Reta gufata mu minwe ico kibazo kuko kigomeye.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.