IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umugwi CVR wojaho inyuma y’amatora yo muri 2015-Imigambwe itavuga rumwe na (...)

Umugwi CVR wojaho inyuma y’amatora yo muri 2015-Imigambwe itavuga rumwe na Reta

vendredi 28 Kigarama 2012

Imigambwe ihurikiye mu runani ADC ikibiri isaba ko umurwi wo kuvuvugana ukuri n’ukunywanisha abarundi CVR woshingwa inyuma y’amatora yo mu 2015. Iyo migambwe imenyesha ko hamwe uwo mugwi wojaho muri uyu mwaka w’2013, ata bubasha woba ufise bwo guhana abari ku butegetsi baokwagirwa n’ivyaha kanaka.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru Leonce Ngendakumana arongoye ADC ikibiri yamenyesheje ko muri uyu mwaka wa 2012 abarongoye igihugu batashoboye gukora imigambi yose bari bemereye abanyagihugu . Kubwa Ngendakumana ngo nivyo bemeye gukora ntibakwirikije ivyasezeranywe ngo ahubwo bakorera inyungu z’imigambwe iri k’ubutegetsi gusa.

Uyo arongoye imigambwe itavugarumwe na Reta atanga akarorero k’integuro y’itegeko rigenga ishirwaho ry’umurwi wo kuvugana ukuri n’ukunywanisha abarundi CVR,ngo uyo murwi wategerezwa kuza urondera ukuri nyako ngo uko nako ntigushoboka mugihe atabutungane burimwo kugira bushumbushe abahuye n’amakuba kandi bwongere ngo buhane abagirwa n’ivyaha.

Leonce Ngendakumana avuga ko iyo nteguro iri mu nama nshingamateka ishira ikigongwe imbere, ivyo navyo avuga ko ari ugukingira ikibaba ivyaha n’ababikora. kubw’iyo migambwe rero ngo uyo murwi ntiwoshirwaho gihutihuti ahubwo ngo worindira amatora yo mu 2015 akabanza akarangira.

Imigambwe ihurikiye mu kibiri ntiyumva ico uyo murwi woba uje gukora mugihe utoba ufise ububasha bwo guhana abakoze amabi. Iyo migambwe igasaba ko hoshirwaho na sentare nkuru y’ubutungane ico bita « Haute cours »mu gifaransa iyo nayo ngo izotuma ibihangange bitanu mugihugu bishobora gukwirikiranwa n’ubutungane mugihe bokora amakosa.Abo nabo n’umukuru w’igihugu ,ivyegera vyiwe bibiri ,umukuru w’inama nshingamateka hamwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike nayo nyene asaba ko uyo mugwi CVR wokwigizwa inyuma gato hanyuma abo vyega bose bakabanza bagaterera ivyiyumviro.

Umukuru w’igihu yaheruka yaheruka gutanga isango ntabanduka ryo mu kwezi kwa Ruhuhuma 2013 kuko ngo Reta yaracerewe gushiraho uwo mugwi.
Raymond Nzimana


Rayomond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.