Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhagarikizi w’umurundi yizewe na CAF - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umuhagarikizi w’umurundi yizewe na CAF

Umuhagarikizi w’umurundi yizewe na CAF

samedi 15 Ruheshi 2013

Mu ntango z’indwi buca dutangura, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika ryarizeye abahagarikizi bane b’abarundi kugira bazohagarikire urukino ruzoba ruriko ruhuza igihugu ca Lesoto n’igihugu ca Ghana, ibihugu vyompi bizoba biriko bihiganirwa ikibanza co kuja mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose rizobera mu gihugu ca Brésil, mu mwaka w’2014 buca dutangura.

Ku kibuga ca Setsoto, umuhagarikizi Thierry Nkurunziza muri urwo rukino ruzohuza Lesotho na Ghana azoba ariko afashwa n’abarundi nyene Ramadhan Nijimbere, Hervé Kakunze na Eric Gasinzigwa.

Iryo rikaba ari iteka ku gihugu c’Uburundi kiguma cizerwa, bigatanga n’icizere ko no mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi bazotumwako mu gihugu ca Brésil mu mwaka w’2014.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.