Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhungu yasaba guhindurirwa amazina kugira abe umukobwa yatsinze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umuhungu yasaba guhindurirwa amazina kugira abe umukobwa yatsinze (...)

Umuhungu yasaba guhindurirwa amazina kugira abe umukobwa yatsinze urubanza

mercredi 8 Gitugutu 2014

Yavutse yitwa Andrew Mbugua, yatsinze Sentare nkuru yo muri Kenya mu rubanza yasaba ko yokwitwa izina ry’umukobwa, eka n’impapuro zimuranga zose zigahindurirwa amazina kandi ntizijeko igitsina ciwe.

JPEG - 75.4 ko
Andrew yahinduye izina kugira yitwe Audrey

Andrew Mbugua amaze kuronswa urupapuro rwiwe rw’umutsindo yaciye yitwara muri sentare nkuru y’igihugu ca Kenya. Yasaba ko izina ryiwe rihundurwa akitwa izina ry’umukobwa. Andrew rihindurwe Audrey kuko ntiyashaka kubona ari umuhungu.

Andrew amaze gutsinda urubanza, Sentare nkuru y’igihugu ca Kenya yaciye isaba ikigo kijejwe gutanga impapuro z’umutsindo guhindura amazina ya Mbugua, ahanditse Andrew bakahishira Audrey, ivyo bikaba mu minsi itarenze 45.

Amaze gutsinda urwo rubanza, Audrey Mbugua yaciye asaba ko ata gitsina cosubira gushirwa ku mpapuro zimuranga, kandi ntashaka kwitwa umuhingu canke umukobwa. Amakuru yahaye insamirizi y’Abongereza BBC, uwo yavutse ari umuhungu avuga ko yatuntujwe n’uko yafashwe akiri muto bimutuma yitwa umuhungu kandi atavyiyumvamwo.

Uwo agiye mu murwi w’abatazirwa "Transgender" aranezerejwe n’uko ubutungane bwo muri Kenya bumwuzurije.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • ibintu vy’ubu ni amayobera,vyose vyahindutse bishasha,ndatangaye knd ndumiwe ark bamurabe neza,hari impamvu na kare ngo"ntakabura imvo".murakoze

  • Ariko niba imana yakuremye ur umuhungu canke umukobwa haricowoshobora guhindura? nikuki woshaka kwitwa umukobwa kandi uri umuhungu? canke ukitwa umuhungu uri umukobwa? imana niba yakugize umuhungu ntabwo yihenze timuze murakora ibizira nkivyo mubibona. bantumwe muraba maso isi iriko iraduherana.

  • Ivyobiranditse mumpera y,isi nukobimeze abantu bazokwigira Imana abandi bayihakane .Uworero yagaye uwamuremye nawe ariremye ukundi ahhhhhhhh.Nzobanumva

  • Ivyobiranditse mumpera y,isi nukobimeze abantu bazokwigira Imana abandi bayihakane .Uworero yagaye uwamuremye nawe ariremye ukundi ahhhhhhhh.Nzobanumva

  • Rekanibarize munsubize?kwadashaka kwitwa umuhungu none ntazovyara? Yitwesewumwana?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.