Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Umutamakazi w’imyaka ijana yamaze indwi yose mw’ibohero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Umutamakazi w’imyaka ijana yamaze indwi yose mw’ibohero

Kenya : Umutamakazi w’imyaka ijana yamaze indwi yose mw’ibohero

vendredi 20 Ntwarante 2015

Umukecuru w’imyaka 100 wo muri Kenya yarekuwe inyuma yaho abantu hirya no hino mu gihugu basabiye ko afungurwa.

Margaret Ngima yapfunzwe mu ndwi iheze mu gisagara ca Embu azize gusuzugura sentare n’abacamanza, inyuma yaho ananiriwe kuriha amafaranga y’ihadabu agera hafi ku madolari igihumbi, kubera ingorane z’amatongo yari afitaniye n’uwundi muryango. Uwo mutamakazi yasohotse mu gasho, inyuma y’indwi yose yari amazeyo, mu gihe yategerezwa gupfungwa ni imiburiburi amezi atatu.

Amafaranga y’ihadabu yasabwa kuriha, yayarihiwe n’umukenguzamateka wo mu gisagara ca Nairobi, yitwa Mike Sonko yari mu gikorwa c’abariko barasaba ko yorekurwa. Ukwo gupfunga uwo mutamakazi, bikaba vyariyamirijwe n’abatari bake muri ico gihugu ca Kenya.

Margaret Ngima ari kumwe n'umukenguzamateka Mike Sonko

Aristide Nizigire

Messages

  • ahaaa’nagirango Mbonimpa’yariyararengej’imyakayogufungwa’nuwimyak’ijana’arakinjira’bwabundi’Mbonimpa’apfunzwe’akiriko

  • ese iyobareka akigumirayo kuko barekuye ingorane mwaribwabone umunt wimyaka ijana 100) aburana itongo yemwe niba atabuzukuru afise kenya yarashishwe nabasaza

  • Kuri iyo photo mwanditse ko ngo" Marguerite Ngima ari kumwe n’umukenguzamateka Mike Sonko", ndibaza ko mwihenze kuko Mike Sonko ni umugabo akunda kwambara imikufu y’inzahabu mw’izosi, ntabwo ari uwo mudamu rero.
    Murakoze.

  • Ariko ga james ubeshejweho nukuvuga ibitagira ikimazi gusa ivya Mutama MBONIMPA ubizanye gute mbe hoho igihe yarenganywa agapfunga abanguzamateka bavuze ko arenganywa ntibariho naho hariho ababishimye kubera abakoze kugihute gerageza wikebuke kuko uheza kugoka ibigori bikera!

  • Ubutungane b urakwiy gukora ico bujejwe bugakuraho akarenganjo bugashiraho inez kuribos butaravy ubukene cank igiturire bukitaho ineza yabwo n iyaband babwitura kuko bos nugushirahamw kuko ari abimana ndets tukamenyako uwuhohotera abandi benewaba igih cimpembo yabo kiroshika basabe ikigongw imana bitagishoboka nacane cane kuritwebe ben burund .murakoz cane

  • Ubutungane b urakwiy gukora ico bujejwe bugakuraho akarenganjo bugashiraho inez kuribos butaravy ubukene cank igiturire bukitaho ineza yabwo n iyaband babwitura kuko bos nugushirahamw kuko ari abimana ndets tukamenyako uwuhohotera abandi benewaba igih cimpembo yabo kiroshika basabe ikigongw imana bitagishoboka nacane cane kuritwebe ben burund .murakoz cane

  • sha burya hariho leta ikoro nkuko ubucamanya bwibujumbura bukora?gufunga umunt arenza 60ans birababaje kand birateye isoni ahubwo nsabak umucamanza yamushirishij mugasho koyokurikiranwa.

  • Iyo usabwe gutanga iciyumviro ba tugerageza tukavuga ibintu bifise intumbero twibaze ibibazo dufatiye kuvyatanguye kuvugwa
    - mbe amategeko ya kenya avuga cokimye nay,uburundi?
    - mbe uyo mutamakazi yakoze bimwe nivya Mbonimpa?
    Vmbe bihanwa kimwe?
    bisigura rero umutamakazi afise ivyo yazize kandi bijanye n,amatongo bapfa nabandi none Mbonimpe yari yazize ik?

  • Nawe James ufise ingahe? Waramaze kurenza iyo myaka 100 ? Kubwawe yopfungirwa iki ko no kuva apfunguwe urubanza rwaciye rudindira?

  • weMuco’utiyopfungirw’iki?gukwiragiz’ibinyoma nokubib’urwanko muribene’gihugu.

  • Kombona ashaje cyane buriya ntibarikubabarira nimyaka afite?ko umuntu usha je atekereza nkumwana?kuko niko imyaka ya mubwiraga( Murakoze)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.