IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umukenyezi wa Audifax Ndabitoreye ntawuzi aho yatwawe n’igiporisi

Umukenyezi wa Audifax Ndabitoreye ntawuzi aho yatwawe n’igiporisi

lundi 4 Rusama 2015

Umukenyezi wa Audifax ndabitoreye yatwawe n’umwe mu ntwazangabo mu giporisi, gushika ubu ntawuzi aho yajanywe.

Muri komine ya Nyakabiga ahari Audifax Ndabitoreye arongoye Imbono Charisme mu myiyerekano co kimwe n’abandi banyagihugu batandukanye, avuga ko umukenyezi wiwe atazi aho yatwawe, ariko uwamutwaye yari umwe mu ntwazangabo z’igiporisi. Umuduga wa Audifax Ndabitoreye ukaba wononekaye rwose. Audifax Ndabitoreye rero akaba ari umwe mu bahamagaje imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Muri iyo komine rero, abanyagihugu bakavuga ko batewe n’ibisasu ntezwaminwe, aho batatu bakomeretse, bariko baravurwa, aho batabawe n’imiduga ya Croix Rouge.

JPEG - 54.6 ko
Audifax Ndabitoreye arongoye Imbono Charisme

Abanyagihugu bo muri iyo komine ya Nyakabiga rero bakaba bashaka kwegera ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo, ari naho basanzwe batangiriwe n’abaporisi, baca baterwa ivyuka vyokera.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.