Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukenyezi wa Houphouët-Boigny yabuze ivyo yari yasigiwe n’umugabo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umukenyezi wa Houphouët-Boigny yabuze ivyo yari yasigiwe n’umugabo (...)

Umukenyezi wa Houphouët-Boigny yabuze ivyo yari yasigiwe n’umugabo wiwe

mercredi 11 Ruhuhuma 2015

Inyuma y’imyaka hafi 22 umushingantahe wiwe yitavye Imana, umupfasoni wa Félix Houphouët-Boigny umukuru w’igihugu wa mbere wa Cote d’Ivoire avuga ko ubutunzi yari yiteze ataronse namba.

Félix Houphouët-Boigny akari muzima, yari yemeyere umugore wiwe wa kabiri Marie-Thérès Houphouët-Boigny ko atazigera asamira isazi kw’itama na rimwe hamwe yo uwo mutama yahoze arongoye igihugu ca Cote d’Ivoire yokwereka umukondo ijuru. Ku wa 7 Kigarama umwaka w’1993, amafaranga angana n’amanyaburaya imiriyoni 100 akaba ariyo yaharuwe nk’umutungo wa Houphouët-Boigny. Kuva ico gihe cose rero, umugore wiwe agira kabiri, akaba akiriko ariruka ayarondera. Amaze kwitura amasentare yo mu bihugu vy’Ubufaransa kugira atunganirizwe kuri ayo matungo yasizwe n’umugabo wiwe, ariko akaba hamwe asanga abana b’umugore wa mbere bayatwaye kera.

Marie Therese Houphouët-Boigny akavuga ko umugabo wiwe yari yamwemereye ibisigi vyiwe vyose, ndetse muri iyo myaka 22 yose amaze, Houphouët-Boigny yitavye Imana, akaba avuga ko ariko arondera urupapuro umugabo wiwe yamusigiyeko ibisigi. Avuga ko urwo rupapuro ruri ahantu, naho kugeza ubu atarahatora.

Aremeza ko Houphouët-Boigny yari yamusigiye akabahasha kameze neza, kuzuye inoti, ariko akaba yari yamubwiye ko azogapfundurura amaze kwitaba Imana. Uwo mugore wiwe akavuga ko kamwe muri zimwe muri izo noti zari mu mabanki yo mu gihugu ca Suisse hamwe no mu Bufaransa.

Marie Therese Houphouet Boigny

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.