Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukinyi Carlos Tevez yahawe igihano co kumara amezi atandatu adatwara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Carlos Tevez yahawe igihano co kumara amezi atandatu adatwara (...)

Umukinyi Carlos Tevez yahawe igihano co kumara amezi atandatu adatwara umuduga

mercredi 3 Ndamukiza 2013

Umukinyi w’umurwi Manchester City, Carlos Tevez, yahawe igihano co kudatwara imodoka mu gihe c’amezi atandatu kandi ategekwa gukora amasaha 250 y’ibikorwa vy’iterambere inyuma yaho yiyemereye we nyene ko yatwaye imodoka adafise uruhusha rwo kuyigendesha.

Uwo mukinnyi w’imyaka 29 y’amavuka akomoka mu gihugu ca Argentina yategetswe kandi kuzotanga ihazabu y’amadolare 1500.

JPEG - 23.7 ko

Yatawe muri yompi mu kwezi guheze I Macclesfield mu majaruguru y’Ubwongereza ariko atwaye imodoka yo mu bwoko bwa Porsche.

Sentare yabwiwe ko Carlos Tevez atari afise uruhusha rwo gutwara imodoka mu Bwongereza. Imwe mu mpamvu akaba ari kubera vyamugoye cane gutora ikibazo co kumenya ivyapa n’amategeko agenga amabarabara.


Jean Michel Ndayikengurutse

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.